Accueil > Amakuru > Ubutungane > Rumonge: Abanyororo bazindukiye muri yegereyegere
Rumonge: Abanyororo bazindukiye muri yegereyegere
vendredi 3 Ruhuhuma 2017
Mu gatondo ko kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 3 Ruhuhuma ,umwaka wa 2017,hazindutse yegereyegere mw’ibohero rikuru rya Rumonge, abanyororo bariko basaba imfungurwa.
Amakuru ava mu begereye ibohero rya Rumonge,amenyesha ko yegereyegere yatanguye mu gatondo kare. Abanyororo bagize iyo yegereyegere kuko bamaze iminsi itatu bataronka ibifungurwa.
Abayobozi b’ibohero rya Rumonge bamenyesha ko abahora batanga ibifungurwa bahagaritse kubitanga kuko bateba kurihwa,ari nac gituma mu bubiko bw’ibifungurwa ata gisigayeyo.
Abapolisi benshi bari bakikuje iryo bohero,mu ntumbero yo kubuza ko hari abanyororo botoroka.
Ibohero rya Rumonge ririmwo abanyororo 1 038,muri abo 700 nibo bamaze gucirirwa imanza.
IGIHE
Messages
3 Ruhuhuma 2017, 15:10, par Nduwimana Celestin
Non Mubona Gute Kugira Abo Banyororo Ngo Baroswe Ivyo Bapfungura
4 Ruhuhuma 2017, 02:34, par Nzeyimana John
None nimutange amahera yabandi, babone kuzana iyvo bifungurwa, mutayatanze naho mubarekure bitahire nakare bariko barazira akarenganyo. Yemwe iyi Reta yicaduka yarahoneje bantu.
4 Ruhuhuma 2017, 20:02, par Salvatori
None Mubonabokwicwanumunyororo Hamweninzara Pfumamubarekurebatahe
4 Ruhuhuma 2017, 20:46, par Miburo
Kukobarimwiboherobarakwiyekubibuka Inzara Irababaza
6 Ruhuhuma 2017, 22:11, par HAVYARIMANA therance
NON ABAGIZE IRYOBOHERO NI BABAH,IVYOBARYA! NTIBIBAZAKO BASHONJE ?
8 Ruhuhuma 2017, 20:43, par NYANDWI
NABO BANDI BATARACIRIAWA IMANZA NIBAZIBACIRE UMUNTU WESE AMENYE ICO AZIRA UTAGIRA IKOSA BAMUREKURE ATAHE NON BATABABURANISHIJE EE HARIMWO ABARENGANA