IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Rumonge : Umuhungu yagirizwa kwica se yaciriwe gupfungwa imyaka (...)

Rumonge : Umuhungu yagirizwa kwica se yaciriwe gupfungwa imyaka 20

jeudi 14 décembre 2017

Mu rubanza rw’ikibiriraho rwabaye kur’uyu wa gatatu ignekerezo rya 13 Kigarama 2017, sentare nkuru y’intara ya Rumonge, yagirije Jean Claude NTIRANYIBAGIRA kwica se wiwe yabiteguye.

Jean Claude NTIRANYIBAGIRA yaremeye ko ariwe yishe se wiwe, ariko avuga ko atamwishe abisha, ahubwo ari isanganya ryamushikiye.

Amakuru ava aho i Bugarama amenyesha ko Jean Claude NTIRANYIBAGIRA yishe se wiwe mw’ijoro ryo kuw’Imana igenekerezo rya 10 Kigarama 2017, muri zone Bugarama,intara ya Rumonge, abanje kumucumita imbugita, hanyuma amuhohosha n’umuhini w’isuka.

Uwo muhungu yari asanzwe ari umunyeshuri, mu mwaka wa kabiri w’igice ca kabiri c’ishure nshingiro.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.