Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge: Umusore yishwe azira kuja kuramutsa umukobwa
Rumonge: Umusore yishwe azira kuja kuramutsa umukobwa
lundi 29 Rusama 2017
Amakuru ava mu ntara ya Rumonge, amenyesha ko Elyse NKURUNZIZA yakubiswe igiti n’umuhungu avukana n’umukobwa yari yagiye kuramutsa inyuma y’umutaga wo kuri uno w’Imana igenekerezo rya 28 Rusama 2017.
Amakuru ava mu babanyi b’umukobwa yari yagiye kuramutswa na Elyse NKURUNZIZA, amenyesha ko uwo muhungu yamukubise kubera atashaka ko ubugenzi hagati ya Elyse na mushikiwe bubandanya bugashika kure.
Mu bajejwe umutekano bamenyesha ko umuhungu yakubise Elyse NKURUNZIZA yamaze guhagarikwa kugira bamugireko amatohoza, bamenye nicatumye akubita uwo muhungu, hanyuma ashikirizwe ubutungane.
MUGISHA Van Naris
Messages
29 Rusama 2017, 19:01, par jona
IMANA IMWAKIRI! YAHOW NGONUMUTWA
29 Rusama 2017, 19:48, par edmon
non musazaw azomwirongorera namureke bamuresh
29 Rusama 2017, 20:00, par Felix Muhire
Uwo mukobwa baramwiciye isoko. Wumva ari nde azosubira kumuresha amaze kubona ukuntu uwambere ahasize ubuzima? Jewe ndabona ko ayo matohoza bari bakwiye kuyagira ahanini kur’uwo mukobwa. Nawe nyene wosanga yamurerekeye ngo apfe kuko atamushaka. Mbeg’isi y’iki gihe!
29 Rusama 2017, 21:10, par deo bigirumuremyi
Nuko Ubutungane Bwomuhana Vyakarorero Burya Kuba Barakuye Igihano Cogupfa Barihenze Vyatumye Ivyaha Vyubwicanyi Bigwira Umuntu Asigaye Yica Mugenziwe Akigamba Gupfungwa Nibahashe Abicanyi Bikomeye
29 Rusama 2017, 21:11, par FIACRE
Wer yaziz gwub ntahanw.
29 Rusama 2017, 21:11, par FIACRE
Wer yaziz gwub ntahanw.
30 Rusama 2017, 10:15, par Ntiharirizwa vianney
Ningorane kwer ariko uwo musore nahanwe nabandi bahakure icigwa bareke kwivanga mu rukundo
30 Rusama 2017, 11:20, par Jacques
Uwo Numukoshi Ushkiye Umukobwa,ntamuhungu Azosubir Kumutumbera
30 Rusama 2017, 12:54, par JOACHIM NSHIRIMANA
REKUBUTUNGANE,BUKORE
3 Ruheshi 2017, 23:04, par constantin
uwomusazawumukobwa numugome non azomwabira wenyene?
4 Ruheshi 2017, 05:11, par Gregoire
BIRAGOYE IVYIMWIKIHECIREZO
5 Ruheshi 2017, 08:50, par rodrigue
ntakund imana nimwakr