Accueil > Amakuru > Ubutungane > Rumonge : Umwigisha Leopold yagirizwa gushurashuza umwigeme yigisha (...)
Rumonge : Umwigisha Leopold yagirizwa gushurashuza umwigeme yigisha yarekuwe
mardi 31 Gitugutu 2017, par
Leopold Mugabaranoga yarekuwe inyuma y’aho arengukiye muri Sentare y’intango ya komine Rumonge mu mu mpera z’ukwezi kwa Ruheshi, arezwa, ariko amenyeshwa ko adashobora kurekurwa kuko uwo baburana agiye kwunguruza urubanza.
Mu kwezi kwa Mukakaro 2017, uwo mwigisha yarasubiriye ararengutswa imbere ya Sentare nkuru y’intara ya Rumonge. Inyuma y’iminsi mike urubanza rugiye mu mwiherero, uwo mwigisha yongera arezwa ariko naho nyene abwirwa ko azoguma apfunzwe.
Kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 30 Gitugutu 2017, niho yarekurwa. Igihe yafatwa, umuyobozi w’ishure aho uwo mwigisha asanzwe arangurirako imirimo bivugwa ko basanzwe batumvikana mu kazi, yasavye ko yohanwa bimwe vy’akarorero hisunzwe amategeko, kuko yafatanywe itonga.
Leopold Mugabaranoga yafashe kw’igenekererzo rya 11 rusama 2017 yagirizwa ugushaka gushurashuza umwana w’umwigeme asanzwe yigisha, yafashwe n’igiporisi gikorera mu ntara ya Rumonge, mu gihe yariko aganira n’uwo mwigeme mu mwanya muto bamaranye mu nyubakwa uwo mwigisha asanzwe yigishirizamwo ururimi rwa "Esperanto".
Umwigisha Leopold Mugabaranoga igihe yafatwa yarahakanye ivyo birego vyose, aho yamenyesha ko umuyobozi w’ishure yigishako ariwe ari inyuma y’ivyo yita "irementanya", akamwagiriza kandi ko ariwe yatunganije ivyo vyose, kuko basanzwe batumvikana ku kazi.
Vianney BIKORIMANA