Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Russie:Vladimir Putin yanse kwirukana abanyamerika 35 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Russie:Vladimir Putin yanse kwirukana abanyamerika 35

Russie:Vladimir Putin yanse kwirukana abanyamerika 35

vendredi 30 Kigarama 2016

Umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Putin yanse kwirukana abakozi 35 bakora mu buserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe mu Burusiya, mu gusubiriza mu ndumane ivyakozwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Vladimir Putin yavuze ko Uburusiya budakwiye kwitesha agaciro mu kwihora ku vyakozwe n’abantu badakora neza akazi kabo , ahubwo ko bugiye kunagura imigenderanire yabwo na Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu gihe umukuru w’igihugu yatowe Donald Trump azoba yashitse ku butegetsi.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi makungu yari yasavye umukuru w’igihugu kwirukana abantu 35 mu baserukira Amerika mu gihugu c’Uburusiya mu ntumbero yo kwihora.

Igihugu c’Uburusiya kimenyesha ko butigeze buja mu bikorwa vyo kwabura ahubwo bukavuga ko ibihano Reta Zunze Ubumwe zifata bidafise ishingiro.

Umushikiranganji wa mbere w’Uburusiya Dimitri Medvedev yagiriza Reta y’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Barack Obama iriko iraheza ikiringo ko yipfuza guheza ihitanye igihugu c’Uburusiya


IGIHE

Messages

  • vladimir Putin,mwereke ico umusumbije ntukabahore umuntumwe gusa,ntihica ubwoko hica ubutegetsi bubi,iryo nishavu kuko agiye mutarwanye.komera hoba abategetsi nkawe isi yoronka amahoro,Obama yaruwo guteranya ibihugu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.