Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ruyigi : Bimwe mu vyimburwa vyankiwe gusubira gusohoka intara
Ruyigi : Bimwe mu vyimburwa vyankiwe gusubira gusohoka intara
vendredi 10 Ruhuhuma 2017, par
Buramatari w’intara ya Ruyigi yafashe ingingo y’ukubuza abadandaza gusubira gusohokana bimwe mu vyimburwa vyo muri iyo ntara. Iyo ngingo ya Buramatara iravuga ivyimburwa bitarekuriwe gusohoka intara.
"Kuva ubu ibifungurwa bikurikira birabujijwe gupakirwa mu miduga birengana intara ya Ruyigi ata ruhusha bahawe n’ubutegetsi bw’intara.", uko niko biri mw’itangazo ryateweko umukono na Abdallah Hassan, Buramatari w’intara ya Ruyigi.
Ivyo vyimburwa vyafatiwe iyo ngingo ni : ibiharage, ubududu n’ifu yabwo, umuceri hamwe n’itomate.

Muri iryo tangazo, Buramatari w’intara ya Ruyigi ntavuga ariko igituma yafashe iyo ngingo.
Amakuru ava muri iyo ntara avuga ko iyo ngingo yoba yetewe n’iduga ry’ibiciro vy’ivyo vyimburwa vyakenye muri iyo ntara kubera abadandaza bo mu zindi ntara baza kubirangura.
IGIHE
Messages
10 Ruhuhuma 2017, 21:11, par ALEXIS NTAHOKAGIYE
NYAKUBAHWA URAMA UKWO KUKO IBICIRO VYABAYENDAS MU RUYIGI .NIBIND BIDANDAZWA BITOBITO BIRAKWIYE KUGABAMYA IBICIRO
10 Ruhuhuma 2017, 21:15, par 68036308
aho niho sawa
10 Ruhuhuma 2017, 21:18, par ALEXIS
NYAKUBAHWA BURAMATARI URAGAHO UKWO KUK IBICIRO VYASAZE .KOMERA
12 Ruhuhuma 2017, 19:02, par Gilbert
Ego Iyongingo.Niyo Mugabo Bacungere Nuntu Ibiciro Biduzwa Uko Abadadandaza Bigombeye
12 Ruhuhuma 2017, 19:09, par Gilbet
Iyongingo Niyo Mugabo Mufatiringingo Nabaduzibiciro.Uko Bigombeye
12 Ruhuhuma 2017, 19:57, par Alice Irumva
Mbega uwo mugabo ntashaka ko abandi bakira inzara?
13 Ruhuhuma 2017, 08:25, par Vyanda
Hhahah vyatanguye twisamburirako nk’impene ngo ibiribwa ntibijabuke mu Rwanda,biba ivyubusa,none ndabira no kubijana mu gihugu hagati birahagaritswe none n’ubu turahima u Rwanda?uyu mu Buramatari ntaho ataniye na shebuja Peter