Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rutana: Imvura ivanze n’urubura yahitanye amazu n’imirima - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ikiza > Rutana: Imvura ivanze n’urubura yahitanye amazu n’imirima

Rutana: Imvura ivanze n’urubura yahitanye amazu n’imirima

vendredi 27 Nzero 2017

Inzu 22 hamwe n’urusengero nivyo vyasambutse bihitanywe n’imvura ivanze n’urubura yaguye muri Komine ya Musongati,iri mu ntara ya Rutana,kuri uno wa kane igenekerezo rya 26 Nzero umwaka wa 2017.

Iyo mvura yaguye inyuma y’umutaga kuwa kane,yarononye kandi imirima y’ibiterwa vy’ibigori n’ibiharage ifise uburebure bw’amahegitare atari make.

Abanyagihugu bo muri ako karere basaba abagiraneza bose babishoboye kubafasha kuko batabona ingene bagiye kubandanya babaho,mu gihe bari bizeye gutungwa n’ivyimburwa vyo mu mirima navyo bikaba vyarononekaye.

Abajejwe intwaro muri ako karere bamenyesha ko inyuma yo guharura ivyononekaye bazoca bashikiriza icegeranyo ubushikiranganji bwo gufatana mu nda ,kugira bufashe.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.