Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ruyigi : Abanyororo 181 barekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu
Ruyigi : Abanyororo 181 barekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu
vendredi 2 mars 2018
Amakuru dukesha urubuga ngurukanabumenyi rwa Reta y’Uburundi, amenyesha ko muri abo banyororo barekuwe burundu, harimwo abagabo 174 hamwe n’abakenyezi 7.
Ayo makuru nyene, amenyesha ko , muri abo banyororo barekuwe, bose imanza zabo zari zaraciwe, kandi ko batari barunguruje imanza z’abo mu zindi sentare.
Imbere y’ikingongwe c’umukuru w’igihugu, ibohero rikuru rya Ruyigi, ryahora ririmwo abanyororo baciriwe imanza 416, bagizwe n’abagabo 398 hamwe n’abagore 28.
Umukuru w’igihugu yatangaje ikigongwe ku banyororo, mw’ijambo yashikirije abarundi, mu ntumbero yo guhimbaza umwaka mushasha wa 2018 ; inyuma y’ico kigongwe bitegekanijwe ko abanyororo barenga 2000 bazorekurwa.
Oscar NDAYISHIMIYE
Messages
2 mars 2018, 11:23, par Kevin
Ahubwo narekure ingoma yivye,abanyororo bobo arekura 10 akinjiza 100,aho ngo ashaka ko ONU yugurura imfashanyo,yabarekura yareka ONU bazi ubwenge nukwihenda gusa.
2 mars 2018, 13:22, par niyungeko soisitn
Andika hano nivyo kok yako zamahan