IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ruyigi : Abayoboke bane b’umushingamateka Agathon RWASA bari mu minwe (...)

Ruyigi : Abayoboke bane b’umushingamateka Agathon RWASA bari mu minwe y’igiporisi

lundi 18 décembre 2017

Amakuru ava mu gisuru amenyesha ko uko ari batanu bafashwe n’abaporisi, igihe bari mu bunywero bariko bivuna akanyota ku mutumba Gororero, uri muri komine Gisuru, intara ya Ruyigi. Bafashwe bagiriza kugirisha inama y’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi itemewe n’amategeko.

Mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi mu ntara ya Ruyigi, baremeza ihagarikwa ry’abo banywanyi bane babo, ariko bakavuga ko igitanganje ari uko uwo igiporisi kivuga ko ariwe yari arongoye iyo nama n’ubu acidegemvya.

Umushingamateka Pascal BIZUMUREMYI yatowe mu ntara ya Ruyigi, kubw’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi asaba ko abo bantu bahagaritswe barekurwa ata kirinze gusabwa kuko ata kindi bariko barazira atari ivyiyumviro vyabo vya poritike.

Kuwa kane igenekerezo rya 14 Kigarama 2017, Rogatien SERUFYIRI uwundi muyoboke w’umushingamateka Agathon RWASA asanzwe akorera mu ntara ya Cankuzo, yarahagaritswe nawe nyene yagirizwa kugirisha inama zitemewe n’amategeko no gutyoza inzego.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.