IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ruyigi : Abayoboke batatu ba Agathon RWASA barahagaritswe n’igiporisi

Ruyigi : Abayoboke batatu ba Agathon RWASA barahagaritswe n’igiporisi

vendredi 3 novembre 2017

Amakuru ava mu burongozi bw’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA mu ntara ya Ruyigi amenyesha ko abo bafashwe bafatiwe ku mitumba ya Nzozi na Rushwahunga iri muri komine ya Bweru y’intara ya Ruyigi.

Ayo makuru nyene amenyesha ko bafashwe inyuma y’isakwa ryakozwe mu ngo zabo , mu nyuma baca bajanwa mu gasho ka komisariya y’igiporisi mu ntara ya Ruyigi.

Mu burongozi bw’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA bamenyesha ko abahagaritswe ata kindi bariko barazira atari imvo za poritike , bagasaba ko barekurwa kuko ata caha na kimwe kibagira.

Umushingamateka yatowe mu ntara ya Ruyigi mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi Pascal BIZUMUREMYI avuga ko ataco bazira, ariko ko abo bayoboka umushingamateka Agathon RWASA bahagarikwa mu ntumbero yo kubabuza urubuga rwa poritike.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.