Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwanda : Abakinyi babiri b’umupira w’amaguru bitavye Imana mw’ijoro (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Rwanda : Abakinyi babiri b’umupira w’amaguru bitavye Imana mw’ijoro (...)

Rwanda : Abakinyi babiri b’umupira w’amaguru bitavye Imana mw’ijoro rimwe

mercredi 15 novembre 2017

Amakuru ava mu binyamakuru vyo mu gihugu c’Urwanda, amenyesha ko icatumye Katauti yitaba Imana kiitaramenyekana, kuko kur’uyu wa gatatu inyuma y’umutaga yagirishije imyimenyerezo.

Ayo makuru amenyesha ko nk’igihe c’isaha zine z’ijoro kur’uyu wa gatatu ariho yumva ko atameze neza mu mubiri, aca aja kurondera imiti, ariko nk’igihe c’isaha icumi mu bucagucagu bwo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 15 Munyonyo 2017, niho vyameneyekana ko yitavye Imana, mu bitaro vya CHUK aho yahavuye ajanwa gukurikiranwa n’abaganga.

JPEG - 27.6 ko
Katauti yakiniye Vitalo ,akinira n’umurwi nserukiragihugu w’Urwanda

NDIKUMANA Hamad Katauti afise amamuko mu Burundi yakiniye umurwi nserukiragihugu w’Urwanda inkino 51 nk’umukinyi w’inyuma, kuva mu mwaka w’1998, akaba kandi yarabaye kizigenza w’uwo murwi igihe kitari gito.

HATEGEKIMANA Bonaventure batazira ‘Gangi’ nawe yakiniye imirwi nka yose yo mu cicacro ca mbere mu Rwanda, yitavye Imana nk’igihe c’isaha umunani z’ijoro, ahitanywe n’indwara y’ikivyimba mw’izosi.

Mu kwezi kwa kabiri 2017 niho Gangi yamenyesha ko ahagaritse gukina umupira w’amaguru kubera indwara yamufashe mu mpera z’umwaka wa 2016 bugatangura ari ikivyimba cyamufashe kw’izosi hanyuma bakakibaga.

JPEG - 132.4 ko
Gangi, yakiniye imirwi myinshi mu gihugu c’Urwanda

Ku ruhande rwa Katauti, yar’azwi nk’umwe mu bigeze kugira ubugeni buzimvye cane mu gihugu c’Urwanda igihe yabana na Irene Uwoya azwi kw’izina rya Oprah,umukinyi w’amareresi mu gihugu ca Tanzaniya.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.