Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakuru b’ibihugu 11 bitavye ibirori vyo kwimika umukuru w’igihugu Paul (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Abakuru b’ibihugu 11 bitavye ibirori vyo kwimika umukuru w’igihugu Paul (...)

Abakuru b’ibihugu 11 bitavye ibirori vyo kwimika umukuru w’igihugu Paul Kagame

vendredi 18 Myandagaro 2017

Kuva mu masaha y’ubucagucagu abakuru b’ibihugu n’abandi bategetsi mu bihugu bitandukanye bari bamaze gushika mu gihugu c’Urwanda mu ntumbero yo kwifatanya n’abanyarwanda mu birori vyo kwimika umukuru w’igihugu.

Abakuru b’ibihugu bamaze gushika ni Hage Gottfried Geingob Namibia, uwa Congo Brazaville Denis Sassou Nguesso, uwa Zambia Edgar Lungu, uwa Djibouti Ismail Omar Guelleh, wa Niger Mahamadou Issoufou, uwundi ni Brahim Ghali wa Republika ya Sahara,Macky Sall wa Senegal,n’uwa Centrafrika Faustin-Archange Touadera.

Hejuru y’abo mu karere bashitse kwifatanya n’abanyarwanda,aribo Uhuru Kenyatta arongoye igihugu ca Kenya na Yoweri Kaguta Museveni arongoye igihugu c’Ubuganda,na Ali Bongo arongoye igihugu ca Gabon nawe yashitse mu gihugu c’Urwanda.

Abandi bitavye ibirori vyo kwimika umukuru w’igihugu Paul KAGAME ni abakuru b’inama nshingamateka 3 b’ibihugu bitandukanye, abashikiranganji ba mbere 4,ivyegera vy’abakuru b’ibihugu bibiri.

JPEG - 66.6 ko
Benjamin Mkapa,umufasha w’umuhuza mu bibazo vy’Uburundi

Umufasha w’umuhuza mu bibazo vy’Uburundi akaba kandi yarabaye n’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Benjamin Mkapa yitavye ibirori vyo kwimika umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul KAGAME.

JPEG - 100.8 ko
Denis Sassou Nguesso wa Congo Brazaville

Amatora y’umukuru w’igihugu mu Rwanda yabaye kw’igenekerezo rya 4 Myandagaro 2017,atsindwa na Paul KAGAME yarungitswe n’umugambwe FPR Inkotanyi ku majwi 98 kw’ijana.

Abandi bahiganwa na Paul KAGAME ni Franck HABINEZA yaserukiye umugambwe Green party, na Philippe MPAYIMANA yitoze nk’uwigenga.

JPEG - 90.1 ko
Macky Sall,umukuru w’igihugu ca Senegal
JPEG - 103.9 ko
Mohamadou Issoufou,umukuru w’igihugu ca Niger
JPEG - 131.4 ko
Ismail Omar Guerreh,umukuru w’igihugu ca Djibouti
JPEG - 127.1 ko
Brahim Ghali,umukuru w’igihugu ca Sahara
JPEG - 133.2 ko
Faustin-Arcange Touadera,umukuru w’igihugu ca centrafrique

MUGISHA Van Naris

Messages

  • south soudan, zambia,Gabon,Niger,Djibouti, soudan (North), Kenya, Uganda,Chad,Togo,Ethiopia, Senegal, Congo Brazza, Guinee, Namibia na Sahara republic ago bose ni 17 non 11

  • Kaguta na Kabila bashika ryari gushigikira mwena wabo Kagame? Uteranije imyaka bamaze ku butegetsi barashikana ikinjanja (1 siècle)! Abanyagihugu babo bazoteba babakengurukira ku vyo bazoba barabakoreye. Umukozi yama igirwa n’impembo!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.