Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundi batatu batangura mu kibuga mu rukino ruhuza Rayon Sport na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Abarundi batatu batangura mu kibuga mu rukino ruhuza Rayon Sport na (...)

Abarundi batatu batangura mu kibuga mu rukino ruhuza Rayon Sport na Mamelody

mercredi 7 mars 2018

Abo bakinyi ni KWIZERA Pierrot, NAHIMANA Shassir yahoze akinira umurwi Vitalo,hamwe na Hussein Shabani CHABALALA nawe yakiniye umurwi Flambeau de l’Est imbere y’uko akinira umurwi wa Vitalo.

Urwo rukino ruza kubera ku kibuga Amahoro, kiri ku murwa mukuru w’igihugu c’Urwanda igihe c’isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba.

Umurwi Rayon Sport niwo wakuyemwo umurwi LLBS4 Africa wo mu Burundi, uwutsinze igitsindo kimwe ku busa, mu rukino rwo gusubiriza rwabereye ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018, mu gihe mu rukino rwa mbere rwabereye mu Rwanda imirwi yose yari yanganije igitsindo kimwe ku kindi.

Ibitsindo bibiri vyose vy’umurwi Rayon Sport, icatsindiwe mu Rwanda n’icatsindiwe mu Burundi, vyatsinzwe n’umukinyi w’umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba, Hussein Shabani Chabalala.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.