Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Abinjira kwumviriza urubanza rwa Diane RWIGARA babanza (...)
Rwanda : Abinjira kwumviriza urubanza rwa Diane RWIGARA babanza gusakwa
mercredi 11 Gitugutu 2017, par
Muri Sentare ahariko humvirizwa abo bakurikiranwa n’ubutungane bw’Urwanda, umukuru w’intahe yabwiye abaje kwumviriza ko ata muntu n’umwe arekuriwe gutanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru, n’uwinjiye wese akabanza gusakwa. Amaterefone ngendanwa, ivyuma bifata amajwi n’amasanamu bisigara hanze.
Sentare yatanze uburenganzira ku nzego z’umutekano ko ata mumenyeshamakuru yemerewe gufata amajwi n’amasanamu.
Mu rubanza rwa mbere, Adeline Rwigara, umuvyeyi wa Diane Rwigara yabwiye abacamanza ko we n’abana biwe batazi ico bagirizwa, avuga ko bakeneye kubona dosiye bakaburana bayifise.
Umushikirizamanza yabwiye uwo muryango wa RWIGARA ko abakurikiranwa bose babwiwe ivyo bagirizwa, bumvishwa n’amajwi arimwo ibimenyetso vy’ivyaha bagirizwa vy’ugushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.
- Umuvyeyi wa Diane RWIGARA
IGIHE
Messages
11 Gitugutu 2017, 10:59, par Hicuburundi
Gusakwa n’ibisanzwe,mu ma Banques n’ahandi hose hahurira abantu benshi kw’isi yose ntaho badasaka les terroristes nta zina canke isura bagira