Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwanda : Diane RWIGARA n’abo mu muryango wiwe bapfungiwe i Remera - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Diane RWIGARA n’abo mu muryango wiwe bapfungiwe i Remera

Rwanda : Diane RWIGARA n’abo mu muryango wiwe bapfungiwe i Remera

lundi 25 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Diane RWIGARA ari mu bari bashatse kwiyamamaza mu matora y’umukuru w’igihugu mu Rwanda apfunzwe mu gihe ukwezi kwari mu gukwira we n’abo mu muryango wiwe bitaba ubutungune, ariko bakarekurwa inyuma y’ukwumvirizwa.

Nk’uko tubikesha Ijwi rya Amerika, abatawe muri yompi kuri uwu wa gatandatu ni Diane Rwigara ari mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Paul KAGAME, Anne Rwigara murumuna we, hamwe na Adeline RWIGARA umuvyeyi wabo.

Mu giporisi c’Urwanda bemeza ko abo batatu batawe muri yompi kubera ibimenyetso igiporisi kivuga ko caronse vyiyongera kuvyo bari bagirizwa, birimwo kunyegeza amakori bari gutanga mu kigega ca Reta, gukoresha inyandiko za magendu vyagirizwa Diane RWIGARA wenyene, hamwe n’uguhungabanya umutekano w’igihugu c’Urwanda

Mu giporisi c’Urwanda bavuga ko abo bantu bo mu muryango umwe bafashwe kubera batariko barorohereza inzego z’umutekano n’iperereza, mu matohoza ariko arakorwa.

Amategeko y’igihugu c’Urwanda avuga ko Diane RWIGARA, umuvyeyi wiwe hamwe na murumuna we bazomara iminsi itanu bapfungiwe mu giporisi, inyuma y’aho akaba ariho Dosiye yabo izorungikwa mu butungane.

Uwo muryango wa RWIGARA uvuga ko uriko uzira ibibazo vya poritike, aho akaba ari mu gihe inyuma y’urupfu rwa Rwigara Assinapol yigeze kuba umunywanyi w’umugambwe FPR-INKOTANYI, akaba umuvyeyi wa Diane RWIGARA, umuryango wiwe yagumye yegeka urwo rupfu kuri Reta y’Urwanda ko ariyo yamugandaguye, ariko inzego za Reta zikavyiyamiriza.

Diane Shima Rwigara w’imyaka 35 ni umukobwa w’umuhisi Rwigara Assinapol, umurwizatunga yapfuye mu mwaka w’2015 ahitanwe n’impanuka y’imodoka, nk’uko igiporisi c’Urwanda cabishikirije. Ariko umuryango w’uwo murwizatunga ntiwemeye ivyashikirijwe n’igiporisi, ukavuga ahubwo ko yahowe imvo za poritike.

Uwo mukobwa w’uwo yahora ari umunywanyi w’umugambwe uri ku butegetsi mu Rwanda yari yamenyesheje ko azokwiyamamariza gutwara Urwanda, ariko ntiyavyemererwa, kubera, nk’uko mu murwi w’amatora babibishikirije, bamwagirije ko atakwije imikono isabwa (Signatures) y’abanywanyi biwe.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Diana baramurenganya kabisa

  • @jean Claude,wa mbonerakure we erega u Rwanda rugendera ku mategeko sinko ngaha mu Burundi umuntu wese ufashwe buca atorwa ikiziga,famille Rwigara ifise amakosa akomeye ibazwa kandi babazwa k’umurango Police ikanabaherekeza gushika batashe iwabo,kuba babapfunze rero n’ibisanzwe,si nkaba DD baca bica,vive le Rwanda

  • Iyo ndavye ukungene ngaha mu Burundi akantu kose uca upfa ndabona ko ubutungane bw’u Rwanda bukora neza kabisa,iyoba ari ngaha n’ikiziga ciwe nticoboneka,tera imbere u Rwanda n’Abanyarwanda

  • Mbega aba bantu biyita abarundi ariko ukumva ngo "Vive le rwanda" ngo "Tera imbere rwanda", bisigura iki? Mbega hoho, aba bantu boba barigera baba murwanda ngo barumenye canke ahubwo ni abanyarwanda b’indani bariko badusamaza?
    Ikizwi muri rusangi co nuko hakurya ya kanyaru ari abanyamayeri, abanyamanyanga bo kurwego rwo hejuru, indyadya (hypocrites), barivanga cane avec un agenda caché,...
    Hakuno ya kanyaru naho, barahendeka (naïfs), ibinebwe, bakunda inda, ntibashiranako (pas solidaires), ntamwanya wo kwiyumvira bafata namba barahuruduka,...
    Sans être exhaustif, mvuze ama défauts gusa kuko ariyo atwononesha!

  • @Silas, jewe abicanyi murantwenza,none ndakwibarize kuki wumva ko nta murundi yovuga neza u Rwanda canke Abanyarwanda?erega Abarundi twese ntituri Imbonerakure,maramarira hiyo

  • Hicuburundi we, ihangane ndazi ko ukuri kuryana. Ndi mumahanga ndazi amahanga icarico, Uburundi bwacu naho bwohura na uragan imeze ite, nzoguma mbukunda mbwita igihugu canje Imana yampaye. Ivyo urwanda rupfa n’uburundi navyo, ntavyonavuze kuko ntavyo nzi. Urwanda n’abanyarwanda sindabanka kuko ntampamvu, ariko be nigihugu cabo ntabazi. Wewe uri traitre (umuhemu) uhemukira igihugu kimwe rukumbi ufise, Ikiguhaye ikurabe ikumenyere inzira. Muri bake igihugu ntaco muzokigira.

  • aha!
    abarundi murantwenga rwose, ubuse urwanda ruradufisiye abarundi batari bake none tuzaruvuge ingene rutari?
    rurafise akaranga!
    ahubwo piter azorurabireko!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.