Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Ibendera ry’igihugu ryibwe mu karere ka Ngoma
Rwanda : Ibendera ry’igihugu ryibwe mu karere ka Ngoma
lundi 17 Ndamukiza 2017, par
Abantu bataramenyekana bivye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana ibendera ry’igihugu c’Urwanda. Abo bantu bivye kandi igitambara cari canditseko ubutumwa bwo kwibuka ku ncuro ya 23 ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu gihugu c’Urwanda.
Iryo bendera ry’igihugu hamwe n’ico gitambara vyibiwe ku biro vy’akagari ka Rubona, mu Murenge wa Rukumberi, mu Karere ka Ngoma.
Umunyamabanga Nshingwabikorwa w’uwo murenge, Emmanel Ndayambaje yemeje ivy’ayo makuru, abwira bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu rwanda, ko abavyivye batarafatwa.
Ubuyobozi bw’ako karere bukaba bwaciye butunganya inama n’abanyagihugu.
IGIHE
Messages
17 Ndamukiza 2017, 14:25, par Nema
Kagame Y’i Gize Imana None Biriko Bimugendera Gute ? Hasigaye Bamutwara Ipataro !
17 Ndamukiza 2017, 14:59, par Diodone
Abo,nibaniyombare,bayitwaye,kagame,yayibatumye,kugira,azo,yicuniremwo
17 Ndamukiza 2017, 18:23, par Burundibwacu
Wa musuma wo muburundi rurangiranwa witwa Wakera niwe waryibye.
17 Ndamukiza 2017, 20:37, par folmand
Ntawunegeza umwotsi inzu iriko irasha. Bagashuka abantu ngo iwabo birera de, Nzobandora yari nyokuru
17 Ndamukiza 2017, 22:14, par Eric
Babura Gutwara Kagame Nyene .
18 Ndamukiza 2017, 07:45, par Wakera
Baribesha Mutama aramutswa igihugu c’urwanda azobavugutira umuti abobamenja! Wew yigumira kukivi natwe turiko dukina football! Ariko ubu muri API na BSPI baratubwiyeko umutekano wa Leta y’icadika atawo twoba tugishobora, ngo tuzoguma twinyegeje!
18 Ndamukiza 2017, 12:19, par kamaro
murwanda ibintu vyokwibuka bikwiye gusubirwamo bazaze bibuka Bose kuko Bose barabuze ababo,
18 Ndamukiza 2017, 14:25, par Ingabire Omy
Meddy Turamukund Cn Muburundi Araza Kugirish Igiteramo
18 Ndamukiza 2017, 15:53, par che
Uwo Kagame muvuga uko mushatse mumenye ko ariwe ariko atabara abarundi bugarijwe n’inzara, yemereye ishirahamwe PAM gutwara umwimbu w’ibigori n’ibiharage amatoni n’amatoni mu Rwanda, bikazanwa i Burundi gutabara abanyagihugu! Have sigaho barundi ntawutuka uwumugaburira, niyo wahimvye uramwubaha mbere y’abandi bose! Mwubahe HE Paul KAGAME kuko n’umugabo w’ijunja n’ijambo!
http://www.igihe.bi/PAM-yatanguye-kwinjiza-mu-Burundi.html