IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > terefone > Rwanda: MTN igiye gutangura ibiganiro na RURA inyuma yo gucibwa (...)

Rwanda: MTN igiye gutangura ibiganiro na RURA inyuma yo gucibwa ihadabu

jeudi 18 Rusama 2017

RURA yamenyesheje ko amafaranga ashika ku miliyaridi indwi n’imiriyoni mirngo itatu z’amafaranga y’Urwanda (7,030,000,000 Frw) ariyo yaciwe iryo shirahamwe ku makosa yo kwimurira mu mahanga ibikorwa vyayo vyo gutumatumanako biciye ku buhinga bwa none (IT Services) mu gihe yari yarabibujijwe na RURA.

Muri iryo tangazo RURA yavuze iti : “ Mu gukora ivyo ,MTN Rwanda Ltd yabikoze na nkana mu kurenga ku mategeko n’ amabwirizwa yahawe n’urwego rujejwe gukurikirana ibikorwa vy’amashirahamwe.

Kw’igenekerezo rya 4 rusama umwaka wa 2017 RURA yaratumyeko MTN Rwanda Ltd kugira ngo yisigure kurivyo birego yagirizwa aho MTN Ltd Rwanda yemeye amakosa yakoze.’’

MTN Group mw’itangazo yashize ahabona ,ryavuga riti: “ iki gihano gishingiye ku kutubahiriza amategeko yatanzwe n’ico kigo bituma tudakorana biciye ku buhinga bwa none hamwe na bagenzi bacu bo muri MTN baherereye mu karere ka Afrika y’Epfo hamwe no mu karere ka Afrika y’Ubuseruko basanzwe bakorera mu gihugu c’Ubuganda ”.

Iryo tangazo kandi rivuga ko haheze amezi ane MTN iganira na RURA kubijanye n’iki kibazo kandi ko ibi bigo bibiri bizobandanya kuganira kuri ico kibazo kugira bagitorere inyishu”.

MTN Ltd Rwanda yatanguye gukorera mu Rwanda mu mwaka wa 1998 , gushika mu mwaka uheze wa 2016 MTN Ltd Rwanda yarifise abanywanyi bagera kuri 3,988,604

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.