Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwanda: Umwami Kigeli V yasubirijwe n’umwami Yuhi VI - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda: Umwami Kigeli V yasubirijwe n’umwami Yuhi VI

Rwanda: Umwami Kigeli V yasubirijwe n’umwami Yuhi VI

mardi 10 Nzero 2017

Inyuma y’urupfu n’ishikanwa ry’ikiziga c’umwami Kigeli V mu gihugu c’Urwanda,umwami Kigeli V yasubirijwe n’umwami Yuhi VI.

Nkuko biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umuvugizi akaba n’umunyamabanga w’umwami Kigeli V,umwami Yuhi VI yitwa Emmanuel Bushayija,umuhungu wa Theoneste Bushayija,umwuzukuru w’umwami Yuhi V Musinga.

Yuhi VI yavukiye mu Rwanda kw’igenekerezo rya 20 Kigarama umwaka w’1960, akura ari impunzi mu gihugu c’ Ubuganda ari naho yize amashuri yisumbuye imbere yo gukora mw’ishirahamwe PEPSI Cola i Kampala.

Yakoze kandi mu bukerarugendo mu gihugu ca Kenya, mu nyuma asubira mu Rwanda mu kwezi kw’indwi umwaka w’1994.

Yuhi VI Bushayija yasubiye kuva mu Rwanda mu mwaka w’2000 aja kuba mu gihugu c’Ubwongereza, ari naho aba gushika agenywe kuba umwami.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.