Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwasa Agathon ariteguye kwitaba ibiganiro i Arusha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Rwasa Agathon ariteguye kwitaba ibiganiro i Arusha

Rwasa Agathon ariteguye kwitaba ibiganiro i Arusha

vendredi 10 Ruhuhuma 2017

RWASA Agathon amenyesha ko azokwitaba ibiganiro nk’umunyapolitike w’umurundi mu gihe yoronka ubutumire bumutumira kwitaba ibiganiro bitegekanijwe kubera i Arusha,mu gihugu ca Tanzaniya kuva kw’igenkerezo rya 16 gushika kurya 18 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.

RWASA Agathon asanzwe ari icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka amenyesha ko yiteguye kwitaba ibiganiro naho ubutumire bw’ibiro vy’umuhuza butaramushikira.

Kubwa RWASA Agathon,igikenewe cane mu biganiro, nuko baganira bakagarukana umwizero hagati y’abarundi bose, baba abari hanze canke abari mu gihugu, kugira amatora yo mu mwaka wa 2020 azobe arimwo bose.

RWASA Agathon avuga ko ivyo bishoboka, mu gihe ibiganiro vyokwisunga ingene abantu baronka uburenganzira bwo gukora politike mu gihugu, bikisunga kandi ikibazo c’abarundi bahunze igihugu kubera ibibazo vya politike biri mu gihugu.


IGIHE

Messages

  • Uyumutama avuzeko arukuganira ukwamatora yozokorwa mumwaka 2020 avuzevyo.
    Mbeyemwe mubona nkubuyu Rwasa asubiranye nabagenzibiwe bahoranye nkaba FNL maze bagasubirana imbereyuko hagera amatora 2020 mubona batohakwa gutsinda amatora ? Ariko kubera usanga bishinze utujambo twabakidovyi uzosanga batiyunze!

  • jewe.wawundi.Nguwapfuye.Yarihuse.Burya.Rwasa.Harumurundiyoba.Akiyoboka.We.Ndabajije.yobatumiwe.nkareta.Cank.Nkaopos.Mwababeshimwe.URICISHIJABARUNDI?NONE.AMAGABURANYAMARAGEZE.MUTORANAMARASO.YABARUNDI.MUZEMWERERWE.IMANIBAGWIZEKWIMBABAZI.AMEN

  • Mutama’mujemubiganiro.mganire,mutaronderinyunguzanyugusa.arikomuronderinezayumunyagihugu

  • jewe iyo mbonye Agaton Rwasa nkumviriza ivyo avuga sintahura cane. Mbega turizeye umuti uzova iyarusha kandi mu migambwe bavamwo atabumwe bagira. FNL bagwanira irimwo ibimanyu 5 nabanze atwereke ico asumbije abandi mugushirahamwe ivyo bimanyu gutyo tubone ko wewe ari akarorero. Mugabo ivyo ngize imisi numva avuga womengo yiteguriye guhunga akava muri reta kuko afise abamucungera kandi bahoze mumuhari iwe wa FNL abandi yarabinuvye. ubu avugako agira yicwe mbere hari nabo bari basangiye umugambwe utazwi. none ntimubonako buca kabiri munama Nshingamateka bagacanamwo mubo Rwasa yahora yiyemerako. vyerekana ko mu Burundi hakiri igihaze kubanyepolitike bacu. Ingorane bafise ni: Ukwikunda, ukutagira urukundo, agacinyizo, ikinyoma, kwibagira ningoga mukutamenya ico uri , iyo wavuye aho waciye niyo utegerezwa kuja, inda ndende, Gushaka gutunga ikibiriraho, gukumirana, akagaye nagasuzuguro no kugira ibikoresho abandi, ubwishime ko umemgo niwe ufise ubwenge gusumba abandi. Amacakubiri na banzigo idashira.ivyo nimwabikosora ntamunyamahanga muzoza kumenera ibanga ryango. ivyo mujamwo ni ukwisuzuguza no gukengereza Igihugu cacu nimwikebuke mwabagabo. ahandiho abatize mujuragiza kubera inda n’amaronko , umusi twabavugutiye agasabiko muzobona. erega abize nimwe mubujije amahoro abatize kandi abize nibo batora.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.