IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > SOBUGEA na Air Burundi ashobora guhinduka ishirahamwe rimwe muri (...)

SOBUGEA na Air Burundi ashobora guhinduka ishirahamwe rimwe muri 2018

samedi 27 janvier 2018

Ashikiriza ivyaranguwe n’umushikiranganji mu mwaka wa 2017, hamwe n’ibigiye kurangurwa mu mwaka wa 2018, umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta, gutwara abantu n’ibintu Jean Bosco NTUNZWENIMANA, yavuze ko Air Burundi na SOBUGEA vyose ari ivya Reta, rero ko kubifatanya ataco bitwaye.

Ku bivugwa ko ayo mashirahamwe azoshirwa hamwe kubera ishirahamwe Air Burundi risa niryahomvye,umushikiringanji Jean Bosco NTUNZWENIMANA yishuye ati :“ SOBUGEA ni Reta na Air BURUNDI ni Reta, kubishira hamwe nta kosa ririmwo ,nico gituma twatunganije ivyirwa kugira turabe uko bizogenda.”

PNG - 478.3 ko
Jean Bosco NTUNZWENIMANA,Umushikiranganji w’ibikorwa vya Reta

Umushikiranganji Jean Bosco NTUNZWENIMANA amenyesha ko Reta ibifitiye ububasha bwo kuyagira ishirahamwe rimwe, kuko Reta isanzwe ifisemwo umutahe ungana 90 kw’ijana,SOCABU nayo 5 kw’ijana hamwe n’ibice 5 kw’ijana vya SABENA.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.