Accueil > Amakuru > umutekano > SOS-Torture: 5 barapfuye ,21 barahagarikwa mu kiringo c’indwi imwe (...)
SOS-Torture: 5 barapfuye ,21 barahagarikwa mu kiringo c’indwi imwe gusa
lundi 30 Nzero 2017
Ishirahamwe SOS-Torture Burundi rimenyesha ko abantu 5 bapfuye abandi 21 barahagarikwa mu kiringo c’iminsi indwi,kuva kw’igenekerezo rya 21 gushika kw’igenekerezo rya 28 Nzero umwaka wa 2017.
Nkuko biri mu cegereanyo c’ishirahamwe SOS-Torture Burundi, muri abo bahagaritswe harimwo abasirikare 15 bakorera mu bice bitandukanye vy’igihugu,abenshi bakaba bagirizwa kugira uruhara mu gitero cabaye kw’ikanmbi y’abasirikare mu ntara ya Muyinga mw’ijro ry kuwa 23 rishira uwa 24 Nzero umwaka wa 2017.
Ico cegeranyo kiragaruka kandi kw’ihagarikwa ry’abasirikare bahze mu gisirikare ca Reta,muri ab kikavuga adjudant Eddy Claude Nyongera yitavye Imana ari mu bir bikuru vy’igendereza ariko arabazwa.
Muri ico cegeranyo,SOS-Trture Burundi imenyesha ko mu bantu 5 batowe ari ibiziga,batatu muri abo batowe hafi y ;ikambi y’abasirikare ku Mukni mu ntara ya Muyinga,haraye habaye igitero kuri iy kambi.
Mu kurangiza ico cegerany ca SOS-Torture Burundi kiragaruka n kwirekurwa ry’abapfungwa barekuwe mu kigngwe c’umukuru w’igihugu.
IGIHE
Messages
6 Ruhuhuma 2017, 19:32, par Niyubuntu
None Abobapfuye Bahowe Iki?