Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture: Abantu 11 barahagaritswe mu kiringo c’indwi imwe
SOS-Torture: Abantu 11 barahagaritswe mu kiringo c’indwi imwe
lundi 19 Ntwarante 2018, par
Nk’uko biri mu cegeranyo isekeza SOS-Torture Burundi gishira ahabona uko indwi iheze, isekeza SOS-Torture Burundi rimenyesha ko muri abo 11 bahagaritswe, harimwo icenda bahagaritswe mu ntara ya Kirundo, mu gihe bari bagiye mu gihugu c’Urwanda, kuronderayo akazi.
Isekeza SOS-Torture rimenyesha kandi ko muri ico kiringo, abantu batanu bahohotewe, ariko abagirizwa kubahohotera bakaba batahagaritswe, kiretse umwe muri abo yagirizwa gutera ubwoba umucamanza, mu ntara ya Bururi.
SOS-Torture riragaruka kw’irekurwa rya Muganga Jean Claude NIYONGERE akorera ku bitaro bikuru vy’intara ya Karusi kw’igenekerezo rya 16 Ntwarante 2018, akaba yari yahagaritswe kw’igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2018, yagirizwa gukwiragiza ishusho y’umunyabanga mukuru w ‘umugambwe CNDD-FDD yambaye ikofero ihamagarira abarundi gutora OYA mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.
Muri ico cegeranyo, isekeza SOS-Torture riragaruka kandi ku gikorwa co gusoko cakozwe mu rugo rw’icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU Leonce NGENDAKUMANA, kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante 2018, naho nyene ata kirwanisho bahatoye.
MUGISHA Van Naris