Accueil > Amakuru > Amashuri > SYNATEF ntishimishwa n’ingingo yo guhagarika agashirukabute bahora (...)
SYNATEF ntishimishwa n’ingingo yo guhagarika agashirukabute bahora bahabwa
jeudi 29 Kigarama 2016
Sendika y’abakozi bakora mw’ishuri nshingiro SYNATEF imenyesha ko itewe impungenge n’ingingo yo guhagarika agashirukabute kahora gahabwa abakozi bamaze imyaka 15 canke irenga bakora mu gisata c’ishure nshingiro.
Nkuko bishikirizwa n’umukuru wa sendika SYNATEF Victor NDABANIWE, Reta na Sendika bari bumvikanye ko agashirukabute gatangwa ku mwaka ku mwaka ariko gahagarikwa mu ntumbero yo gushigikira Reta mu mugambi wo gushigikira ihinduka mu gisata c’inyigisho.
Victor NDABANIWE amenyeshako Sendika arongoye ibikurikiranira hafi,kandi ko itangazwa nuko mw’itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha mu mwaka wa 2017,mu ngingo yaryo ya 22 ivuga ko agashirukabute gahabwa abakozew imyaka 15 n’iyirenga kazohagarikwa ngo gashigikire umugambi w’ishuri nshingiro.
Umukuru wa Sendika SYNATEF asaba ko iyo ngingo yosubirwamwo,hakaba kandi ibiganiro hagati ya Sendika na Reta.
IGIHE
Messages
29 Kigarama 2016, 23:37, par Morodikayi Jon
Nawapa pore, murashima munaronse nagashahara mwahora muronka, iyo nintango kwa nkurunziza ntaho mumenya niwe muntu wambere dufise kwisi nzima adashima uwoterimbere!, rindira akataraza karacarinyuma.
29 Kigarama 2016, 23:52, par Morodikayi Jon
Nawapa pore, murashima munaronse nagashahara mwahora muronka, iyo nintango kwa nkurunziza ntaho mumenya niwe muntu wambere dufise kwisi nzima adashima uwoterimbere!, rindira akataraza karacarinyuma.