Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sahwanya FRODEBU yashize ahabona ivyatumye bazotora « OYA » - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Sahwanya FRODEBU yashize ahabona ivyatumye bazotora « OYA »

Sahwanya FRODEBU yashize ahabona ivyatumye bazotora « OYA »

jeudi 3 mai 2018

Mw’itangazo umugambwe Sahwanya FRODEBU washize ahabona , umenyesha ko kubera inama nshingamateka yari imaze kwanka incuro 2 ihinduka ry’iryo bwirizwa nshingiro mu mwaka wa 2013 na 2014, biri mu bituma uwo mugambwe wahisemwo kuzotora OYA.

Umugambwe Sahwanya FRODEBU usigura ko uzotora OYA kuko n’ingingo y’i 116 y’ibwirizwa shingiro rihari uyu musi itasubijwemwo,bikazoha akaryo umukuru w’igihugu yatowe atakwirikiranwa mu gihe yoba yayogeje itunga canke ahohotera abanyagihugu.

Umugambwe Sahwanya FRODEBU, uvuga ko iyo ngingo yahora iha ububasha inama nshingamateka na nkenguzamateka bwo guhagarika umukuru w ‘igihugu yagiwe n’ivyo vyaha, ariko ubu atariko bizoba biri.

Umugambwe Sahwanya FRODEBU ubaye uwa kabiri wemeje ku mugaragaro ko uzotora OYA, inyuma y’urunani rw’abigenga Amizero y’Abarundi, nabo babishikirije ku mugaragaro, kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 2 Rusama, mu ntara ya Ngozi.


Bikorimana Vianney

Messages

  • Vyoba vyiza umunyagihugu atoye ikimuri ku mutima atawumutegetse ngo tora gurtya na gurtya ni iryo tegeko shingiro rishasha ryosigurwa neza .
    Umuntu akaba azi ico yemeye canke ahakanye.
    Ntavyo gutora ibigwanisho bizozana amahoro.

  • nivyiza kandi birahimbay kwigisha ivyerekeye ibwirizwa shingiro ariko igiteye amakenga n’uko mukwisha umenga n’ugutanga itegeko nagir bosigura umuntu wese agatora bivany nuko yatahuye bamwe ngo tora oya abandi ngo ego arko umenga sikwo vyotegerejw kugenda

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.