Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Saido BERAHINO yashize umukono ku masezerano yo gukinira Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Saido BERAHINO yashize umukono ku masezerano yo gukinira Uburundi

Saido BERAHINO yashize umukono ku masezerano yo gukinira Uburundi

jeudi 22 mars 2018

Amakuru dukesha Jérémie MANIRAKIZA, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, amenyesha ko igikurikira ari kurondera impapuro zemeza ko atigeze akina mu murwi nserukiragihugu w’Ubwongereza, bace bamuronderera n’urupapuro rw’inzira rw’Uburundi, n’icemeza ko igihe yakiniye umurwi nserukiragihugu w’ubwongereza w’abakiri bato yari umurundi.

Jérémie MANIRAKIZA, amenyesha ko ivyo vyoze bimaze kuboneka. Bizoca birungikirwa ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA, kugira basabe ko ahindura umurwi nserukiragihugu.

JPEG - 27 ko
Umukinyi Saido BERAHINO, ari mu gihugu c’Ubwongereza

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, amenyesha ko atari igikorwa gito kugira izo nzira zose zihere, ariko akibaza ko mu kwezi kw’icenda, ibintu bizoba vyatunganye.

Ku bijanye n’umukinyi Gael BIGIRIMANA amaze no gukinira umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, Jérémie MANIRAKIZA amenyesha ko ivyiwe vyaheze, ata wundi murwi nserukiragihugu ashobora gukinira atari uwo Uburundi.

JPEG - 50.9 ko
Gael BIGIRIMANA, Umurundi akina mu gihugu c’Ubwongereza

Jérémie MANIRAKIZA avuga ko, mu gihe umukinyi adashize umukono ku masezerano yo gukinira igihugu, ata na kimwe gishobora gukorwa.

Vyari vyarageragejwe igihe kitari gito, ko umukinyi Saido BERAHINO aza gukinira umurwi nserukiragihugu w’Uburundi ariko ntivyakunda,bivuye ku mvo zitandukanye, hamwe bikanka ku munota wa nyuma.

Abakurikiranira hafi ivyo umupira w’amaguru mu Burundi, bamenyesha ko mu gihe aba bakinyi babiri bakina mu gihugu c’Ubwongereza boza mu murwi nserukiragihugu w’Uburundi, vyoshobora gufasha umurwi kwigenza neza mu mahiganwa, bafatiye ku rugero umupira w’amaguru ugezeko mu gihugu c’Ubwongereza.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.