Accueil > Ubuhinga bwa none > terefone > Samsung yakoze telefone nshasha zo mu bwoko bwa Galaxy A3 na Galaxy (...)
Samsung yakoze telefone nshasha zo mu bwoko bwa Galaxy A3 na Galaxy A5
mardi 3 Nzero 2017
Inyuma y’amakuru yaciye ku buhinga ngurukanabumenyi yamenyesha ko amabateri ya telephone ngendanwa za Galaxy Note S7 zikorwa n’ihinguriro Samsung,iryo hinguriro ryakoze terefone nshasha yatanguranye n’umwaka wa 2017 zo mu bwoko bwa Galaxy A.
Mu kwezi kwa Nyakanga 2016, niho ihinguriro Samsung ryafata ingingo yo guhagarika icuruzwa rya Galaxy Note 7 ,izishika ku miliyoni 2.5 zari zaramaze kuja kw’isoko zisubizwa mw’ihinguriro.
Naho umwaka wa 2016 usa n’uwutagenze neza kw’ihinguriro Smasung, umwaka wa 2017 utanguye Samasung ishize ahabona terefone zo mu bwoko bwa Galaxy A3 na Galaxy A5 zigomba kumera nka Galaxy S7 yakunzwe cane.
Izo terefone zifatwa ku ngero zibiri bivanye n’ingene zingana mu buninin, zishobora kandi kumara iminota ishika 30 mu mazi afise uburebure bw’imetero imwe n’igice ariko ntizononekare, kuko atan’umukungungu uzinjiramwo.
Samsung Galaxy A3 na A5 zishobora kubika ibintu bitandukanye gushika kuri GB 256.Zishobora kandi gufotora ifoto naho woba uri ahantu hari umuco mukeya.
Bitegekanijwe ko zizoshika kw’isoko mu ntango y’ukwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka wa 2017.
IGIHE