Accueil > Amakuru > Amashuri > Sendika SEPEDUC ivuga ko igikorwa co gukwiragiza abigisha cakozwe (...)
Sendika SEPEDUC ivuga ko igikorwa co gukwiragiza abigisha cakozwe nabi
vendredi 17 novembre 2017
Muri ico kiganiro, sendika SEPEDUC ivuga ko igikorwa co gukwiragiza abigisha aho bakenye kitakozwe ukwo categerezwa gukorwa.
NIYONGABO Gérard arongoye Sendika SEPEDUC avuga ko mu gihe umugwi w’ubuhinga washizweho n’ubushikiranganji bw’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi usa n’uwemeje ko igikorwa cagenze neza, ibihaze ari vyinshi.
Avuga ati : « Biragaragara ko ibihano bikomakomeye vyashikirijwe n’umushikiranganji ku bigisha bataraja aho bungururijwe bitatumye, abo bigisha bajayo ahatari hake. Ntibisigura ko ari ukugarariza ahubwo biva ku kutabona ukwo boshobora kubaho mu gihe imishahara y’abigisha iguma ari mito, ukuronka uburaro n’ibifungurwa bitoborohera. Hari benshi vyabaye ngombwa ko bahagarika akazi. »
Sendika SEPEBU iriyamiriza amazina asuzuguza abigisha nko kuvyoba vyavuzwe mu makuru yo kuwa 05 Gitugutu 2017 aho abigisha bamwe bamwe bo mu gisagara ca Bujumbura biswe « abaroberi » bivuye ku manota make yabonetse mu kibazo kirangiza amashuri yisumbuye « Exeta ».
- Gerard NIYONGABO, arongoye sendika SEPEDUC
NIYONGABO Gérard asaba koi co gikorwa co gukwiragiza cosubirwamwo kigaheza kikaba ica nyuma kuko gihungabanya imiryango n’ubutunzi bw’igihugu.
Tukibutse ko umushikiranganji NDIRAHISHA Janvière yari yatanze ikiringo ntabanduka ko gushika kw’igenekerezo rya 04 Munyonyo 2017 abigisha bahinduriwe aho bakorera bazobe bamaze gutangura kuhakorera.
BUKURU Pacifique