Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sentare ihava ishikiriza ivyavuye mu rubanza rw’umuhungu wa Perezida Obiang (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sentare ihava ishikiriza ivyavuye mu rubanza rw’umuhungu wa Perezida Obiang (...)

Sentare ihava ishikiriza ivyavuye mu rubanza rw’umuhungu wa Perezida Obiang Nguema

vendredi 27 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Ivyavuye muri urwo rubanza bikaza gushigwa ahabona kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 27 za Gitugutu. Muri urwo rubanza, ubushikiranganji bw’ubutungane bw’Ubufaransa busabira igihano c’umunyororo w’imyaka 3, amande agera ku miriyoni mirongo itatu y’amanyaburaya hamwe no gufata amatunga yiwe ari mu gisagara ca Paris. Teodorin Obiang akaba asanzwe ari icegera c’umukuru w’igihugu ariwe se wiwe Obiang Nguema.

Urwo rubanza rurindiranywe n’igishika ku ruhande rw’abadaharanira ivyicaro vya Politike muri ico gihugu ca Guinée Equatoriale, mu gihe rumaze imyaka igera kuri cumi rutararangira, amatunga amwamwe nk’imiduga izimvye, imigufu y’agaciro, n’ibindi vyinshi vy’agaciro vyaragurishijwe.

Kubw’abashingwamanza Daniel Lebègue na William Bourdon, bakaba banarongoye amashirahamwe Sherpa na Transparency ari nabo batanguje urwo rubanza, bamenyeshako ari intsinzi kubona hageze aho ubucamanza bugira ico bushikiriza ku rubanza rwa Obiang yagirizwa kunyotora amafaranga agera ku miriyoni 150 z’amanyaburaya.

Kubw’uwuburanira Teodorin Obiang, umushingwamanza Emmanuel Marsigny, urwo rubanza n’urw’inkina mico, kuko ruhagaze ku mvo za Politike.

«Bigenda gute urubanza rw’icaha cakorewe mu gihugu ca Guinée ko rwocirigwa mu gihugu c’Ubufaransa? Ukwo ni ukwivanga mu mabanga y’ikindi gihugu»

Uwo mushingwamanza Marsigny amenyesha ko ata butegetsi bwa Guinée canke aboba badaharanira ivyicaro vya polike muri Guinée boba baritwariye Obiang. Agira ati : "Ukwo ni ukutubahiriza ubwigenge bw’igihugu."


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.