Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sentare ijejwe kwubahiza ibwirizwa nshingiro yemeje ivyavuye mu matora (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Sentare ijejwe kwubahiza ibwirizwa nshingiro yemeje ivyavuye mu matora (...)

Sentare ijejwe kwubahiza ibwirizwa nshingiro yemeje ivyavuye mu matora y’ibwirizwa nshingiro

jeudi 31 mai 2018

Umukuru wa Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, Charles NDAGIJIMANA , avuga ko, sentare imaze guca hirya no hino ivyashikirijwe n’umurwi utegura amatora CENI, basanze amatora yabaye hisunzwe amategeko.

Charles NDAGIJIMANA yavuze ko, ku bantu bitavye amatora yo kwemeza ibwirizwa nshingiro, Ego yatsinze ku majwi 73,24 kw’ijana, Oya ku majwi 19,23 kw’ijana, abataco babivuzeko aba amajwi 4,1 kw’ijana, ayabaye impfagusa nayo aba 3,24 kw’ijana.

Ku birego vyashikirijwe n’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, Umukuru wa sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, amenyesha ko ibirego vyabo ku bijanye n’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, basanze bidafashe.

Umurwi utegura amatora ku rwego rw’igihugu CENI, wari watangaje ibiharuro mfatakibanza vy’ivyavuye mu matora, kuwa mbere igenekerezo rya 21 Rusama 2018.

Evariste NGAYIMPENDA, icegera c’uwurongoye Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, yari yavuze ko batazokwemera ivyavuye mu matora kuko habayemwo amakosa menshi.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Abo ntaco bovuga ni bandabusavye gusa nzi Kenya yari yaberetse akarorero ko kudakore muvumbi kumuvumba

  • Abo b Amizero y inda zabo, ntaco bashikako kuko abarundi barabahinyuye, bamenyeko abarundi banyotewe amahoro no kwikorera imirimo ya minsi yose ibateza imbere Kandi Nyenecubahiro NKURUNZIZA ari kubibashikanaho no muri 2020 ba zamu tora cane gose. Abikorera utwabo n abanyamahanga nabandanye bikorere urudandazwa mu mutekano ukwiye, Abanyagihugu babarundi babayeho neza mu buzima bworoshe kubera Imana yabahaye NKURUNZIZA si nko mu Rwanda abanyagihugu barushe gose, bashonje, bahora batotezwa nubutegetsi, bambuwe amatongo yabo nubutegetsi, amashule meza ashigwamo abana babategetsi, n’ayo mabi akaba azimvye, kwivuza bizimvye Kandi bidashamaje, itunga n ibikogwa vyose arivy ishaka rirongoyeyo, mu Burundi ntaco leta idakora ngo ifate neza abanyagihugu n abahatuye

  • Imana ni shimwe !abarundi twaritwazindutse kwitorera ibwirizwa shingiro tudyohew none bagomba baducumutima !nirihangame rero !

  • twemere rero ah’intahe ishize kuko hatsinze abarundi bose,ok !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.