Accueil > Amakuru > Ubutungane > Sentare irumviriza abanyeshure ba Kaminuza bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya (...)
Sentare irumviriza abanyeshure ba Kaminuza bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba
mercredi 3 Rusama 2017, par
Abanyeshure batandatu ba Kaminuza y’Uburundi bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura barasubira kwumvirizwa na Sentare kuri uwu wa gatatu. Ubutungane bwaheruka kubankira ivyo bari basavye ko bohabwa umwidegemvyo, bakaburana badapfunzwe.
Abo banyeshure batandatu bari mu baserukira abandi ni Jean Bosco Bakanibona, Audace Nkunzimana, Simon Rurasuma, Elysé Dushime, Egide NIMENYA hamwe na Dieudonné Bigirindavyi. Bose bagirizwa ko bateguye imigumuko muri Kaminuza y’Uburundi.
Abo banyeshure bari mu baserukira abandi barungikiye umukuru w’igihugu bamumenyesha ko biteguriye guhagarika ivyigwa mu gihe ingingo yafashwe itohinduka, iyo nayo ikaba ivuga ivy’ingene agafashanyo bahora bahabwa gahindutsemwo ingurane.
IGIHE
Messages
3 Rusama 2017, 09:54, par Kaniga J Marie
Ubutungane Niburabe Kazoza Kabobanyeshure Bumve Ivyipfuzo Vyabo Babarekure Ataco Biriwe Barabasaba Kuko Twibaze Ko Umwana Asavye Umuvyeyi Ico Amatunganiriza Atoca Amuvuma Amate Mumaso
3 Rusama 2017, 11:51, par Tar
Mwikaze Ntamvuridahita Bigiyeguhinduka
3 Rusama 2017, 13:24, par Don’t worry
@Tar
"Mwikaze Ntamvuridahita Bigiyeguhinduka"
Uko niko uvuga kuva 2005!
3 Rusama 2017, 18:16, par CHARLES HAKIZIMANA
BENEWACU NTAKUNDI MWIHANGANE MUZOPFUNGURURWA NIKO BIMEZE UWUHARANIYE AGATEKA KIWE BAMA BABONAKO YAGUMUTSE KANDI ATARIVYO
3 Rusama 2017, 21:32, par Eric Ndayizeye
Nihatari , Turasavy Uwoshobora Gutabariza Aba Taxi Vélo Bo Murumonge Nukuri Turaremvye Namafranga Twakwa Umwanya Wose Kangungura Namafranga Dutozwa Kunguvu Tukayatozwa Kumunsi Kumunsi Bakaduhenda Ngo Nayishirahamw Kandi Arayo Barya Turabataxivero Barenga Igihumbi Murumva Kumunsi Batwiba Ayarenga 100.000f .Kandi Iyo Wans Kuyatanga Baca Bagutwarikinga Mukurigombora Utanga 1O.000f . Mudutabariz Kuko Bayatwaka Kunguvu Kand Twikeney ,aho Rero Hari Namand Batangisha , Nibind ..........
4 Rusama 2017, 05:18, par mzoyihera intagoheka
Bemuhungu Kaniga J Marie ahuraciteze ubuvyeyi kwa Nkurunziza Petero? ha, ninkukuro icontiriwe ndavuga kugihuri.