Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Seychelles : Umukuru w’igihugu yatanze imihoho
Seychelles : Umukuru w’igihugu yatanze imihoho
mercredi 28 Nyakanga 2016, par
Umukuru w’igihugu wa Seychelles, James Michel, yari amaze imyaka 12 ariwe ayobora ico gihugu, yatanze imihoho, inyuma y’aho umugambwe wiwe urushirijwe n’abatavuga rumwe nawo, mu bibanza vy’abashingamateka.
Umukuru w’igihugu James Michel yavugiye ku Mboneshakure y’igihugu ko kuva kw’igenekerezo rya 16 Gitugutu 2016 atazoba akiri umukuru w’igihugu.
Mw’ijambo yashikirije, James Michel yavuze ko imyaka 12 amaze ari umukuru w’igihugu ikwiye, akavuga ko agiye guha umwanya uwundi muyobozi mushasha azogeza Seychelles ku yindi ntambwe y’iterambere.
- Umukuru w’igihugu James Michel
Iryo tangazo rya James Michel risohowe inyuma y’aho umugambwe wiwe "Lepep" udashoboye gutahukana ibibanza vyinshi mu matora y’abagize inama nshingamateka yabaye muri uku kwezi kw’icenda, aho watahukanye intebe 10 gusa, mu gihe ihuriro ry’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, "Linyon Demokratik Seselwa" ryatahukanye intebe 15 mu nama nshingamateka.
Ribaye irya mbere kuva mu mwaka 1993 igihugu ca Seychelles gitanguye intwaro y’imigambwe myinshi, aho umukuru w’igihugu atanga imihoho.
James Michel w’imyaka 72 yari umukuru w’igihugu wa Seychelles kuva mu mwaka w’2004.
IGIHE
Messages
28 Nyakanga 2016, 14:00, par Kibwana
Lecon a nos pauvres presidents BASHAKA GUPFA BAKWEGEYE UMUGAMBWE
28 Nyakanga 2016, 14:08, par Kibwana
Bon exemple a nos pauvres presidents Bashaka gupfa basize Ibibazo mu miryango yabo.....
28 Nyakanga 2016, 19:50, par Muco
None Piter We Arinze Iki?
29 Nyakanga 2016, 15:51, par FELIX MUHIRE
Peter yaratowe n’abanyagihugu ni mureke kumwidogera. None muri mwebwe uwamurushije amajwi ni nde? Uwo wo muri Seychelles atanze imihoho kuko abatavuga rumwe nawe bamurushije? Ingorana z’Abarundi n’uko mushaka gukoresha inguvu n’ibinyoma vyinshi, ngo amakungu yemere ko mufise abanywanyi gusumba Peter, kandi ata na zero mufise.Mufise abagumutsi gusa, twebwe niko tubibona.
30 Nyakanga 2016, 07:31, par PETER
UMUGABO NUWO WINRYAMUNYU ARIKUBIRI NUWURAHO!!
3 Gitugutu 2016, 04:11, par mzoyihera intagoheka
Nguwo umugabo wabagabo atomoye, atari Nkurunziza petero, ya rwije abicanyi muburongozi bwiwe, akabura numwe womumugabwe wiwe yobafise ubwenge bwogushobora gutwara mugishingo ciwe !,agacahitamwo gutamukaga igihugu ciwe camwibarutse. Iyaba umushingantahe abonakure nti yari kwemera kwitoza ubugira 3, yarikufata umwe mubishikira biwe akamugira umukandida wumugabwe wiwe, none nguwo asigaye arikimaramare mumakungu ,nukwubahuka mubashingantahe ntakihubahuka, yumvise aba perezida bagenziwe kobateguye inama izobahuzahamwe akorukobishoboka kwose mukurondera ahazihamba, Nibara.