IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Shabani NDAYISHIMIYE yasavye ko yokwemererwa kuja muri Banki kubikuza (...)

Shabani NDAYISHIMIYE yasavye ko yokwemererwa kuja muri Banki kubikuza amafaranga

lundi 17 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko bivugwa n’uwo mushingwamanza, mu gihe vyogenda nk’uko vyasabwe n’uwo aburanira, kuri uwu wa mbere niho aza kwemererwa ko aja muri Banki aherekejwe n’abaporisi, abikuze amafaranga afise. Umushingwamanza BIZOZA avuga ko ayo mafaranga aza guhabwa abaheraniwe na Shabani NDAYISHIMIYE, aho aherera akaba ari aho nyene.

Igitigiri c’abaheraniwe bose ntikiramenyekana cose, nk’uko bishikirizwa n’uwo mushingwamanza avuga ko atararonka urutonde rw’abamwitwariye bose. Abazwi gushika ubu akaba ari ihoteri Bel Air yashikiwemwo n’umuriririmvyi Koffi OLOMIDE, umurwizatunga Siyoni NIKOBIRI mwene ihoteri Sun Safari yashikiwemwo n’abatamvyi b’uwo muririmvyi bari bankiwe gutahuka kubera batarihiwe amafaranga y’ivyumba barayemwo, hamwe n’imfungurwa n’ibinyobwa bihereje kuri iyo hoteri. Amakuru atangwa n’umushingwamanza Donatien BIZOZA avuga ko abo batamvyi bemerewe gutaha mu mpera z’indwi twaraye duhejeje, babifashijwemwo n’ubuserukizi bw’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. N’aho batashe, amafaranga ya Siyoni NIKOBIRI ntaratangwa, akaba ari mu yandi yishuzwa Shabani NDAYISHIMIYE.

Abandi bamaze kumenyekana ko baheraniwe abantu bishuza amafaranga y’imiduga yakoteshejwe yunguruza Koffi n’umurwi wiwe, hamwe n’amafaranga y’abantu bacunga umutekano w’uwo muririmvyi.

Mu gihe yokwemererwa kuri uwu wa mbere kuja muri Banki akariha abakwiranye n’amafaranga afise, umushingwamanza BIZOZA amenyesha ko aca asabira Shabani NDAYISHIMIYE ko yobandanya kuburana yidegemvya.

JPEG - 83.7 ko
Shabani Osman NDAYISHIMIYE ategekanya kuriha abashoboka mubo aheranire

Maitre Donatien BIZOZA yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko Shabani NDAYISHIMIYE yahomvye mu biteramo yatunganirije Koffi, mu kuba atashoboye kwinjiza amafaranga yari yiteze. Uwo mushingwamaza akibaza ko arico coba caratumye uwo muririmvyi agerageza guhunga. Mu gihe mu giporisi c’Uburundi bemeza ko yafatanwe amafaranga y’amarundi agera ku miriyoni 150, umushingwamanza wiwe avuga ko yari afise ibihumbi amajana atanu gusa umunsi afatwa.

Osman Shabani NDAYISHIMIYE yafashwe n’igiporisi ku mugoroba wo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 11 Mukakaro 2017, afatirwa mu ntara ya Kirundo ariko arondera kwinjira mu Rwanda. Apfungiwe mu gasho k’igiporisi kijejwe amatohoza (PJP) muri karitiye ya Jabe, mu gisagara ca Bujumbura.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.