Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Shassir NAHIMANA ashobora kuva mu murwi wa Rayon Sports - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Shassir NAHIMANA ashobora kuva mu murwi wa Rayon Sports

Shassir NAHIMANA ashobora kuva mu murwi wa Rayon Sports

mardi 24 Nzero 2017

Umukinyi w’umurundi akinira umurwi wa Rayon Sports mu gihugu c’Urwanda Nahimana Shassir,amenyesha ko ababazwa no kubona abakinyi bakinana hamwe n’abayobozi b’umurwi bamwagiriza ko akoresha uburozi ,agatuma abandi bakinyi bakinana badatsinda.

Nahimana Shassir yabwiye abamenyeshamakuru ko ibintu vy’uburozi atavyemera ariko ko yemera amasengesho, kuko avuga ko asanzwe avyuka kare agasenga.

Umukinyi Shassir NAHIMANA yavuze ko adatahura igituma bavuga ko ariwe aroga bagenzi biwe kandi hari inkino yatsinda inyuma y’abandi bakinana canke inkino zigahera atinjije igitsindo na kimwe.

Shassir NAHIMANA akamenyesha ko ikimubabaza cane ari uko abarongoye umurwi wa Rayon Sports nabo bahagaze nabo aho bagaha agaciro amajambo yashikirijwe n’abakinyi bagenzi we.

Avuga ko namba mu murwi wa Rayon Sports babona ko ata kamaro abafitiye bomwirukana, kandi bamubwiye ko ataha naho nyene yotaha.

Umukinyi NAHIMANA Shassir yavuze ko abizi ko hari abakinyi bakoresha uburozi, ariko ko wewe yemera ivyanditswe mw’ikorowani, kandi noneho atavuye mu Burundi agiye mu murwi wa Rayon Sports kuroga abakinyi.

Mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’Urwanda, umukinyi w’umurundi NAHIMANA Shassir afise ibitsindo 11 mu nkino 14 amaze gukina.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.