Accueil > Inkino > FOOTBALL > Shassir NAHIMANA ntiyashizwe ku rutonde rw’abakinyi bazoja muri Afrika (...)
Shassir NAHIMANA ntiyashizwe ku rutonde rw’abakinyi bazoja muri Afrika y’epfo
jeudi 15 Ntwarante 2018, par
Amakuru atangwa n’ikinyamakuru "Ruhago Yacu" co mu gihugu c’Urwanda avuga ko imbere y’uko urwo rutonde rw’abakinyi bazoja muri Afrika y’epfo rusohoka, NAHIMANA Shassir yanse gukora imyimenyerezo, aho akaba ari inhyuma y’aho we hamwe na Yassin Mugume borungikiwe kwimenyereza mu murwi wa kabiri wa Rayon Sport, umurwi wiganjemwo abakinyi bakiri bato, bitegurira kuzokinira uwo murwi. Uwo munsi Shassir ntiyemeye kuja kwimenyereza muri uwo murwi.
Ayo makuru abandanya avuga ko uburyo Nahimana Shassir yigenjeje mu rukino rwa mbere rwahuje Rayon Sport na Mamelodi Sundowns, aho yaje gusubirizwa ku munota wa 30, arivyo vyatumye urukino rwakurikiye rwo mw’ihiganwa ryo mu Rwanda, adashirwa mu kibuga, mu rukino Rayon Sport yariko ikina na Marines FC. Kuva ico gihe, vyaciye bitangura kunuganurwa ko umumenyereza Ivan Minaert wa rayon Sport atazojana Shassir muri Afrika y’epfo.
- Umusatirizi NAHIMANA Shassir
Nahimana Shassir asanzwe yaratowe kenshi nk’umukinyi w’ukwezi mw’ihiganwa ry’Urwanda "Azam Rwanda Premier League" ari mu murwi wa Rayon Sports kuva mu mwaka w’2016, amasezerano yiwe n’uwo murwi akaba azoherana n’uwu mwaka, bikavugwa ko ashobora kwerekeza muri Kenya canke mu murwi wa Kiyovu Sports.
Abakinyi 18 ba Rayon Sports bagiye kwerekeza muri Afrika y’epfo mu rukino rw’ugusubiza na Mamelodi Sundowns.
1. Bakame
2. Cassim
3. Mutsinzi Ange
4. Manzi Tierry
5. Gabby
6. Faustin
7. Irambona Eric
8. Rutanga
9. Master
10. Niyonzima Sefu
11. Mukunzi Yannick
12. Kwizera Pierrot
13. Muhire Kevin
14. Bimenyimaba Caleb
15. Christ Mbondi
16. Diarra
17. Tchabalala Hussen
18. Nyandwi Sadam
Egide NDUWIMANA
Messages
15 Ntwarante 2018, 17:42, par Yegodi
Ivyomuvuga nivyo mugabo nimube mwandika amazina y, abakinyi neza. Bimenyimaba nuwahehe ? Careb nuwahehe ? Amazina yiwe ni Bimenyimana Bon Fils Caleb
5 Ndamukiza 2018, 23:01, par Niyogusenga Jules
None Nikuberiki Batamutwaye ?