Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Shimon Peres yigeze kuba umukuru w’igihugu ca Israel arwariye mu cumba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Shimon Peres yigeze kuba umukuru w’igihugu ca Israel arwariye mu cumba (...)

Shimon Peres yigeze kuba umukuru w’igihugu ca Israel arwariye mu cumba c’abaremvye

mercredi 14 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Shimon Peres yahoze ari umukuru w’igihugu n’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli ari muri mu cumba c’indembe (Coma) kuva kuri uwu wa kabiri, inyuma y’aho basanze arwaye mu bwonko.

Shimon Peres w’imyaka 93 y’amavuko yatwawe mu bitaro kuri uwu wa kabiri, akaba arindiriye gusuzumwa mu bwonko. Ivyo bibaye mu gihe mu kwezi kwa mbere yari yatwawe mu bitaro ku ndwara y’umutima.

Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli, Benjamin Netanyahu yavuze ko igihugu cose gikunda Peres kandi amwipfuriza gutora mitende.

JPEG - 404.4 ko
Shimon Peres yahoze ari umukuru w’igihugu n’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli

Peres yarongoye Isirayeli mu mabanga atandukanye harimwo kuba umushikiranganji wa mbere, umukuru w’igihugu hamwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’amakungu.

VOA dukesha iyi nkuru ivuga ko mu mwaka w’1994 ariho yaronswa agashimwe kitiriwe Nobel, agashimwe yaronkeye hamwe na Yasser Arafat hamwe na Yitzhak Rabin, kuko bose bafashije mu biganiro vy’amahoro n’abanyepalestina i Oslo muri Norvege.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.