Accueil > Amakuru > Poritike > Sindimwo:’’ Ubushikiranganji bw’umutekano bwarakoze kugira umutekano uboneke (...)
Sindimwo:’’ Ubushikiranganji bw’umutekano bwarakoze kugira umutekano uboneke mu gihugu’’
lundi 13 Ntwarante 2017
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO amenyesha ko ibirwanisho bigizwe n’inkoho, ibisasu ntenzwantoki(Grenades) hamwe n’amabombe arivyo vyafashwe n’igipolisi mu mwaka uheze wa 2016.
Ari imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi kuri uno wa mbere igenekerezo rya 13 Ntwarante,umwaka wa 2017 kugira ashikirize ivyaranguwe n’ubushikiranganji bukukira ibiro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston SINDIMWO yavuze ko ubushikiranganji bw’umutekano bwakoze uko bushobora kwose kugira amahoro aboneke mu gihugu.
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ariko ko hari ubugizi bwa nabi bucibonekeza na cane cane ubujanye n’amatati y’amatongo, izindi ndyane zishingiye ku mibano,ubusuma bukorwa n’abitwaje ibirwanisho, ubujanye n’ibiyayuramutwe, hamwe n’urudandazwa rw’abantu.
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO yavuze ko muri iyo ntumbero nyene ubushikiranganji bw’umutekano bwafashe inkoho 209, ibisasu ntezwantoki (Grenades) 419,ibisasu binini binini 16 , hamwe n’amahinguriro akora inzoga zitemewe n’amategeko 109 yasambuwe.
Mu bijanye n’intwaro,icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yavuze ko ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu bwatunganije inyigisho ku banyagihugu zo gukunda no gukundisha igihugu.
IGIHE
Messages
13 Ntwarante 2017, 14:07, par Mob
Haaaaa abantu baby u r u want!!! Ababurirwa amarengero!!! Umutekano my Burundi. Com
13 Ntwarante 2017, 18:35, par Wakera
Uwu Gaston nimba ataba mu Burundi! Aho yicarana na Laptop atanazi kuyikoresha! Kwatavuga ko Imbonerakure, FDLR, interahamwe, SNR vyamaze abantu bibanywa amaraso, bibata mubinogo rusangi, bibaboreza igufa, canke aba EX-FAB bishwe abandi bakanyuruzwa! Ariko biratahuritse ntajambo agira avuga ivyatamitswe na Sebuja yamuhaye akazi uziko ivy’ubuhemu arivyo asanzwe akora! Go to hell
13 Ntwarante 2017, 19:04, par Mob
Umutekano pirate. Com
14 Ntwarante 2017, 17:37, par tari
Nti bitangaje kwumva uwo mucangero wa nkurunziza avuga ibintu nkivyo kuko intumbero yiwe na shebuja ariyo kumarira kwicumu uwowese atavuga rumwe nabo ubwo bushikiranganji nabwo akaba atakindi gikorwa bushinzwe atarico nyene nikimenyamenya burongowe numwicanyi karuhariwe bunyoni ntakitangaje kwumva gasto avuga ibintu nkivyo
15 Ntwarante 2017, 05:32, par Kanyosha
Wirambire nyakwubahwa cegera cambere cumukuru wigihugu cu Burundi.
15 Ntwarante 2017, 05:35, par .
@Tari, uyumushikiranganji ntumwigereranyeko ntaho ahuriye nawe uharanira inyungu za Kagame na Louis Michel umubirigi.
15 Ntwarante 2017, 21:46, par Jeremie
Umutekano Nintanger Jenibazako Dufatanyemunda Tuzobinesha
18 Ntwarante 2017, 01:43, par mzoyihera intagoheka
Sindimwo igikoresho ca nkurunziza petero, urazi ico bita cheat people! ibirwanisho kobicuzuye mumbonerakure kugera nunomusi, kutabivugako benabantu birirwa baragandagurwa ni perereza bafatanije nimbonerakure?, icokiryoma canyu cokubesha ngumutekano wifashe neza ngaha muburundi urabesha.
18 Ntwarante 2017, 10:24, par Mob
@Wakera(tari). Ububwa buravukanwa uzapfa urimbwa 100%. Inyangaburundi.com
19 Ntwarante 2017, 22:45, par VINCENT
MUBURUNDI NAMAHORO
29 Ntwarante 2017, 21:34, par Etienne
Jew Kubwanj Umutekan Muburund Urakwiy Nez Can Naho Abavuga Ngo Ntamwonga Ubura Inzoka Iba Idahizwe