Accueil > Amakuru > Mu makungu > Singapoul : Donald Trump yabonanye na Kim Jong Un, bashira umukono ku (...)
Singapoul : Donald Trump yabonanye na Kim Jong Un, bashira umukono ku rwandiko
mardi 12 juin 2018
Ni umubonano wari uhanzwe amaso n’amakungu, kuko ubaye inyuma y’incuro nyinshi uwo mubonano bivugwa ko utazoba canke ukavugwako vyinshi.

Urubuga rw’iradiyo y’abafaransa RFI, rumenyesha ko, uwo mubonano watanguye isaha zitatu z’igitondo mu masaha yo ngaho muri Singapour, bahejeje kuramukanya, ibigiye muri kahise k’ivyo bihugu bibiri.
Bamaze kubonana, Donald Trump na Kim Jong Un bahavuye bashira umukono ku rwandiko rufatwa nk’uruzoranga akahise, rurimwo ko bagiye gukorera hamwe mu gukuraho ibirwanisho vy’ubumara mu gihugu ca Koreya ya Ruguru.

RFI dukesha iyi nkuru, imenyesha ko amajambo avuga ko bazorwanya ibirwanisho vy’ubumara ariko bakagenzura ko bishizwe mu ngiro kandi bikarwanywa ubutakigaruka atagarutse muri urwo rwandiko, nk’uko vyari vyateguwe imbere y’umubonano.
Muri urwo rwandiko, umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yemeye gufasha gutsimbataza amahoro muri Koreya y’Uburaruko, Kim Jong Un nawe yemera gukora ibishoboka vyosa mu guhagarika gukora ibirwanisho vy’ubumara.

MUGISHA Van Naris