Accueil > Amakuru > Mu makungu > Siriya : Abagwanyi batanguje ibitero ku ngabo za Reta
Siriya : Abagwanyi batanguje ibitero ku ngabo za Reta
vendredi 28 Gitugutu 2016, par
Abagwanyi bo muri Siriya bamenyesheje ko batanguje ibitero vyo gutuza ingabo za Reta zugarije ubuseruko bw’igisagara ca Aleppo.
Umugwi ukurikirana ibibera muri Siriya uri mu gihugu c’Ubwongereza wavuze ko abagwanyi barashe ama misile “amajana n’amajana” mu burengero bwa Aleppo, zihitana abanyagihugu 15.
Bavuga kandi ko bateye ikibuga c’indege ca gisirikare ca al-Nayrab mu buseruko.
BBC dukesha iyi nkuru ivuga ko abantu boba bashika 275.000 bagarijwe mu buseruko n’ingabo za Reta haraheze amezi n’amezi.
Siriya n’Uburusiya bubashigikiye bwarongereje ibitero vy’indege mu buseruko.
Ivyo bitero vyagizwe n’abagwanyi bari inyuma y’igisagara ca Aleppo ariko bivugwa ko n’abari hagati mu gisagara ca Aleppo bazogira uruhara muri ivyo bitero.
Abagwanya Reta bateye misile zo mu bwoko bwa Grad I al-Nayrab, nk’uko bivugwa umugwi wa Siriya uharanira agateka ka zina muntu (SOHR).
Abantu bashika 115 bishwe abandi barakomereka, nk’uko iryo shirahamwe ribandanya ribivuga.
Bateze kandi ibombe mu modoka zibiri, imwe ikaba yari itwawe n’umwiyahuzi wo mu mugwi wa Jabhat Fateh al-Sham-ku birindiro vya Reta mu bumanuko bushira uburengero bw’ico gisagara.
IGIHE
Messages
29 Gitugutu 2016, 02:28, par DARIUS
IMANA NITABARE ABANYAGIHUGU ANDIHO BARAHONA