Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Siriya : Isirayeri yateye ibisasu vya misire ku birindiro vy’abasoda ba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Siriya : Isirayeri yateye ibisasu vya misire ku birindiro vy’abasoda ba (...)

Siriya : Isirayeri yateye ibisasu vya misire ku birindiro vy’abasoda ba Siriya na Irani

jeudi 10 mai 2018

Umuvugizi w’igisirikare ca Isirayeri yavuze ko igihugu ca Isirayeri kidashaka ko haba uguhangana gukomeye hagati y’igihugu ca Isirayeri n’igihugu ca Irani.

Ku ruhande rwa Isiriyeri bemeza ko ahantu icumi bashaka ko ivyo bisasu bateye bigwa vyahaguye neza, kandi ko bamwe mu basirikare ba Siriya bakozweko n’ivyo bitero ibizobasaba umwanya kugira basubire biyubake.

Umuvugizi w’igisirikare ca Isirayeri yemeje kandi ko mu bisasu vya rokete 20 vyatewe muri Isirayeri, ata gisasu na kimwe caguye kuri Isirayeri, kandi ko bine murivyo vyakatishijwe.

Ivyo bibaye, mu gihe kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 9 Rusama 2018, umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri Benjamin Netanyahu yabonanye na Vladimir Poutine umukuru w’igihugu c’Uburusiya, kugira baganire.

Amakuru dukesha iradiyo y’abafaransa RFI, amenyesha ko ico, arico gitero ca mbere kibaye aho Isirayeri na Irani bahangana kuva hadutse indyane mu gihugu ca Siriya.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.