Accueil > Amakuru > u Burundi > Smail Shergui : ’’Ikibazo c’imishahara y’abasirikare b’Abarundi catorewe (...)
Smail Shergui : ’’Ikibazo c’imishahara y’abasirikare b’Abarundi catorewe inyishu ishimisha bose"
vendredi 20 Nzero 2017
Smail Shergui atwara inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika amenyesha ko ikibazo c’imishahara y’abasirikare b’abarundi bari mu gihugu ca Somaliya mu gikorwa co kugarukana amahoro catoye inyishu kandi ishimisha bose kandi ko yizeye ko kitazosubira kwumvikana.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane igenekerezo rya 19 Nzero 2017, Smail Shergui yavuze ko Ubumwe bwa Buraya buzobandanya bufasha kandi n’ubwigenge bw’Uburundi buzobandanya kwubahirizwa .
Yavuze ko ingingo yafashwe yaje hageze kuko hari ibikorwa bikomeye bigomba kuba mu gihugu ca somaliya, bikazotuma abasirikare b’abarundi bakora banezerewe kandi bakorana umutima mu nda ,mu gihe biteguye kugira ibindi bitero ku barwanyi ba Al Shabab.
Smail Shergui yamenyesheje ko ivyo ibihugu vya Buraya vyashaka vyose bitakibaye, kuko ibihugu vyose bifise abasirikare mu gihugu ca Somaliya bifise uburyo bicishamwo imishahara y’abasirikare agashikira igihugu n’abayikoreye .
Umukuru w’inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ,yavuze ko bidashoboka ko bacisha amafaranga ku makonte y’abasirikare ubwabo, kuko ari igihugu cabatanze kandi ingingo zose zifatwa bubahiriza ubwigenge bw’igihugu.
Smail Shergui yari yaje mu Burundi kuwa gatatu igenekerezo rya 18 Nzero 2017,inyuma yaho Reta y’Uburundi imenyeshereje ko itanguje igikorwa co gukura abasirikare b’abarundi mu gihugu ca Somaliya,hamwe batoronswa imishahara baheraniwe.
IGIHE
Messages
20 Nzero 2017, 08:56, par kamaro
impundu iwacu induru kwabarera, nkuko sebarundi yarivumereye ivyabarundi ntibirimbwa!!, ivyifuzo vyose vyabazungu nabansumirinda vyose biguye mumazi kuko abansi babarundi baramaramayepe, ubumwe bwafrika bwatahuyeko ubwigenge bwuburundi bwari bwaravogerewe, abarundi twese dukundigihugu catwibarutse turakeje ubumwe bwafika kukuba bumaze gutahura niza imigambi igayitse yubumwe bwuburayi kuburundi yokutunyaga ubwigenge bwacu twironkeye aruko tubize akuya. niharambe sebarundi Petero Nkuruziza nabarundi bose bakunda igihugu cabibarutse. abansi nibiyahure harageze!
20 Nzero 2017, 09:49, par NTAKIRUTIMANA Lazare
Subira mubweje rero, :"ivyabarundi ntibiribwa." mw’ijambo ryiwe niko yavuze. Imana irinde u Burundi nabarundi.
20 Nzero 2017, 10:19, par BOWAZ J
NUKURI TURASHIMYE UYOMUSHITSI KUKIGORO YAGIZE KOKUTUGENERA NOKUDUHUMURIZA NAYAHANDI HARYA NTIBARIKUBA NATWEBWE ABENEGIHUGU BADUSHAKIRA INEZA KUBERA BAYARONSE NATWE TURAHUNGUKIRA VYISHI NUWUFISE AKAGURISHA ARAGURISHA NONE RERO IMANA NUKURI TURASHIMYE UYOMUSHITSI KUKIGORO YAGIZE KOKUTUGENERA NOKUDUHUMURIZA NAYAHANDI HARYA NTIBARIKUBA NATWEBWE ABENEGIHUGU BADUSHAKIRA INEZA KUBERA BAYARONSE NATWE TURAHUNGUKIRA VYISHI NUWUFISE AKAGURISHA ARAGURISHA NONE RERO IMANA ISHIMWE
20 Nzero 2017, 12:05, par Samuel
Imana ishimwe ko ikibazo gitorewe inyishu
20 Nzero 2017, 12:40, par NDAYIKENGURUKIYE B.
Bakoze rugabo , nta mugore agabwa n abagabo babiri , iyo bija hose ntabodutsinze twobarungikiye abashingwamanza bo ku mugina intahe ikabakubita mu gahanga , Bazokoreshe ubuhinga ntibabahende mu bitero bazogira ,
20 Nzero 2017, 13:29, par yooh
Bamwe bahora bavuga ayamuhe ko ataco bandika. bamwe bigira abahinga ngi ni "chantage". ngo umuhinga Adolphe manirakiza yahora avugira igisirikare yavuzengo. Basha mumenyako igihugu cose gifise ubwigenge bwaco hanyuma mutahuke twubake igihugu catwibarutse. ubuhungiro burababaza. ayo mabi mwagiriza abandi ntimwibazeko bitababaje gukorera inteba ishushe abandi
20 Nzero 2017, 13:30, par yooh
Bamwe bahora bavuga ayamuhe ko ataco bandika. bamwe bigira abahinga ngi ni "chantage". ngo umuhinga Adolphe manirakiza yahora avugira igisirikare yavuzengo. Basha mumenyako igihugu cose gifise ubwigenge bwaco hanyuma mutahuke twubake igihugu catwibarutse. ubuhungiro burababaza. ayo mabi mwagiriza abandi ntimwibazeko bitababaje gukorera inteba ishushe abandi
20 Nzero 2017, 13:50, par Fredy
Ni Bahembwe Kuko Barakoze Cenaled Yiyahure
20 Nzero 2017, 14:17, par MUKURARINDA JOEL
Abobanyaburayi Nibatureke. imana yaremy uburundi niyizobutunga. bavyizeko basanga ntakindi gihugu cohashobora. imana niyiturinyuma nimvura izoyiduha.
20 Nzero 2017, 14:41, par Nice
Mbe Babandi Bamenyereye Kuvuga Aya Muhe Ko Ataco Baravuga Kuriyi Nkuru Barashimye?
20 Nzero 2017, 15:49, par ELISSA
NIBABAHE UTWABO NABANTU BABAGABO. BARIBIZI BATABAFISE KATACOKUNDA.
20 Nzero 2017, 16:01, par mahoro
nibabahe birire ivyo babiriye akuya, nayabajarajara batzi kwigihugu c’uburundi ko bwikukiye babe barajarajara. mbe abantu bama bavuga ibinyegeje nuko baba batakiriko bararya ivyobintu. basirikare bacu nibirambire kurugamba, Imana irikumwe namwe
20 Nzero 2017, 17:00, par Mukristumurugendo
H.E. Nkurunziza mumasengesho aheruka haramajambo yavuze maze bamwe mubatazi ububasha bw’Imana bacabavuga ngwarabeshe abandi ngo yerekanye kwagomba ngogukora intambara biyibagizako iyowishize mumana urihagararira noneho Mushoboravyose akabariwe akurwanira.
Rekarero ndababaze none mubonye amahera yabasirikare bu Burundi bagiye kugarukana Amahoro muri Somalia baribarimwe hari amasasu Nkurunziza yarinze kurasa ngobakunde bayabahe?
Nkurunziza kandi yaravuze kwataworya ikintu cabarundi ngwagiherane. Etc.
20 Nzero 2017, 20:03, par MUHUZA
NEZA CANA NDARYOHEWE
20 Nzero 2017, 20:38, par huumm
Mureke gusa Imbonerakure zibe entraines mubwinshi.
Peter recoltera bientot ce qu’il a seme.
20 Nzero 2017, 20:43, par wizimtupu
inzara yagiribice abamada maremare kobayatanze yamada agirasubire kuvyimba pee
20 Nzero 2017, 22:05, par Tutu
Nashaka numve abo muri bamwe barwanya ubutegetsi ico bashikiriza.
Ntanumwe avuga?????
21 Nzero 2017, 11:08, par Katsongo John
After selling fake genocide in the West CNARED has lost credibility in eyes of Burundians. These mmuderers need to be taken before justice.
21 Nzero 2017, 11:46, par folmand
Barundi bene wacu, ntimushire cane ivyizigirn vyose kuvyasomaliya nico gituma nuwushaka kutunyanyasa aca avuga somalia ahubwo abarongoye igihugu n’umugambwe CNDD-FDD nibakore kuburyo itunga ryigihugu rigira umushinge muburundi apana muri Somalia kuburyo muri kazoza tuzovuga tuti kugira abasoda muri somalia nivyiza no kutabagirayo sibibi.ntimwtibagireko akimuhana kaza imvura ihise
21 Nzero 2017, 12:21, par Kararuza
Iyo ntumwa ya UA irabesha,Ubumwe bwa Buraya ntayo buzotanga, erega na Peter ntiyokura Abasoda muri Somalie,akari inyuma karahinda
21 Nzero 2017, 12:48, par Rugari
CNARED yarumiye kuko ubu yifitiye izindi ngorane. Frodebu yavuyemo ubu bataye umutwe. Bari barikoze abadandaza ba genocide mubihugu bya buraya mumushinga bari bafatanyije na Kagame. None urudandazwa rwabo genocide ruri guhomba kweri. Bateye ikigongwe!!!
21 Nzero 2017, 19:10, par Mado
None Mwara Bitoreye Umut? Baremeye Kubahemba? Vyobavyiza Bahembwe.
21 Nzero 2017, 21:17, par Nema
Burundi Oyeeeee . Muvumilivu Hula Mbivu !
22 Nzero 2017, 10:16, par Libakale Bonifasi
Imana Ihabwe Icubahilo Naguma Nsenga Kugila Bigende Neza None Ilanyichuye Ubulundi Nigihugu Imana Yikundila Ok
22 Nzero 2017, 15:02, par Musaga
CNARED ni agatsiko k’abanyendanini(les vrais vrntriotes). Ayo mabandi ntayo dukeneye i Burundi...
22 Nzero 2017, 16:35, par Hutsi
Mbase vyagenzegute ngwabobarundi bahurikiye muri Sinahead bemerere Kagame ivyoyababwiye vyokuzabararirimba genocide!?
Uwo mudayimoni wa Kagame bemereyiki kuwumufasha abobavukanyi bacu babarundi gayemwe kugezanaho ubu tubonamengo bataye imitwe iyotwumvise umurundi ashize mukajwi akaririmba avugango’ mu Burundi GENUCIDE!!!
22 Nzero 2017, 22:06, par ERASTE
IMANA IHABWE ICUBAHIRO UBUSHOMERI BURABABAZA. NIMUKOMERE NGABO ZIGIHUGU CACU.!
24 Nzero 2017, 11:19, par Amahoro iwacu i Burundi
Nsanze abarundi benshi mukunda igihugu muhezagirwe natwe abari hanze yigihugu twipfuza gutaha gufashanya nabandi kubaka igihugu cacu amahanga Arababaza ncuti zanje
25 Nzero 2017, 18:08, par Nitunga gilbert
ico twagombakubaza nuko mwiradiyo twunise yuko abanyeshur bazokwig kuva7h:30 gushik13h:00 yuko atagusubirayo none kotuguma dusubirayo?biva kuki?
6 Ruhuhuma 2017, 20:12, par NIYOKINDI THARCISSE. MAKAMBA KAYOGORO
Ahubwo Baribaratebeje Gutoro Iyonyishu.Hamwe Vyogenduko Vyobavyiza Cane.