Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somalia:Abasirikare ba Amerika bishe umugwanyi akomeye wa Al-Shabab - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Somalia:Abasirikare ba Amerika bishe umugwanyi akomeye wa Al-Shabab

Somalia:Abasirikare ba Amerika bishe umugwanyi akomeye wa Al-Shabab

mardi 1er Myandagaro 2017

Igisirikare ca Amerika kijejwe umugabane wa Afirika camenyesheje ko umugwanyi akomeye w’umugwi wa Al Shabab yishwe mu gitero mu bumanuko bw’ico gihugu ahitwa Tortoroow ariko izina ry’uwo mugwanyi ntiryamenyeshejwe.

Amakuru ava I Mogadishio amenyesha ko umushikiranganji wa reta ya Somariya ajejwe kumenyesha amakuru Abdulrahman Omar yamenyesheje ko mu biriko birakorwa ari kurondera umugwanyi Ali Jabal yagirizwa ko ariwe aheruka gukora igitero cabereye hafi y’ibitaro vyo ku mugwa mukuru Mogadishio

Mwomenya ko abasirikare ba Reta zunze Ubumwe za Amerika bakoze ico gitero mu gihe mu ntango z’uyu mwaka wa 2017 umukuru w’igihugu Donald Trump yatanze ububasha n’uburenganzira ku basirikare ba Amerika bwo gushobora gukora ibitero bikomeye ku bagwanyi ba Al Shabab .


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.