Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalia: ONU imenyesha ko abantu barenga imiliyoni zitandatu babangamiwe (...)
Somalia: ONU imenyesha ko abantu barenga imiliyoni zitandatu babangamiwe n’inzara
mercredi 1er Ntwarante 2017
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abantu barenga imiliyoni zitandatu babangamiwe n’inzara mu gihugu ca Somaliya.
Nkuko bishikirizwa n’icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU abantu barenga igice c’abanyagihugu bo mu gihugu ca Somaliya nibo bageramiwe n’uruzuba hamwe no kubura ibifungurwa.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko ibintu bimeze nabi na cane cane mu Buraruko bw’igihugu , aho ibifungurwa hamwe n’igitigiri c’ibitungwa vyagabanutse bikomeye kubera uruzuba rwatse mu mwaka uheze wa 2016.
Mw’ijambo yashikirije kuwa kabiri igenekerezo rya 28 Ruhuhuma ,umwaka wa 2017, umukuru w’igihugu ca Somaliya Mohamed Abdullahi Farmajoyasavye amakungu kwongereza imfashanyo vyihutirwa.
Mu mwaka w’i 2011, abantu bashika ibihumbi amajana abiri nibo bahitanywe n’inzara mu gihugu ca Somaliya.
IGIHE