Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somaliya: Abapolisi bane bapfuye bahitanywe n’igisasu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya: Abapolisi bane bapfuye bahitanywe n’igisasu

Somaliya: Abapolisi bane bapfuye bahitanywe n’igisasu

mercredi 24 Rusama 2017

Ico gitero cabereye mu karere ka Liboi, abajejwe umutekano bakavuga ko imodoka yarimwo abapolisi bariko baragenzura umutekano yaciye ahatezwe igisasu giturika.

Abapolisi bakomeretse baciye bajanywa kuvurizwa mu gihugu ca Kenya, ku murwa mukuru i Nairobi.

Abicishije ku rubuga rwa twitter,icegera c’umukuru w’igihugu ca Kenya, William Ruto, yavuze ati: "Abaguye mu gitero ca Liboi mu ntara ya Garissa bari mu vyiyumviro vyanje. Birakwiye ko twubaka uruhome ku rubibe".

Ubutegetsi bwigihugu ca Kenya bwafashe iciyumviro co kwubaka uruhome ku rubibe igihugu ca Kenya gihana n’igihugu ca Somaliya, inyuma y’igitero cabereye kw’ishule kaminuza rya Garissa mu buseruko bushira uburaruko bw’igihugu ca Kenya, ahapfiriye abantu 147.


MUGISHA Van

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.