Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somaliya : Abasirikare 59 ba AMISOM boba baguye mu gitero ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Abasirikare 59 ba AMISOM boba baguye mu gitero ca (...)

Somaliya : Abasirikare 59 ba AMISOM boba baguye mu gitero ca Al-Shabab

lundi 2 avril 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko izo gitero cabereye mu bumanuko bushira uburengero bw’umurwa mukuru Mogadiscio, aho abo barwanyi baturikije imodoka zibiri zirimwo ibibombe iruhande y’ikirindiro mu gisagara ca Bulamarer.

Urubuga ngurukanabumenyi rwa BBC, rumenyesha ko,abanyagihugu baba muri ako karere bavuze ko bumvise urwamo rw’amasasu, igihe iyo mirwi ibiri yariko irarasana, mu kiringo c’amasaha atatu.

Bivugwa ko, abasirikare ba AMISOM boba bitavye Imana, ari ahanini abava mu gihugu c’Ubuganda, kuko ico gitero cakozwe ku kirindiro c’abasirikare bava mu gihugu c’Ubuganda.

Ibitero vy’barwanyi ba Al-Shabab, bisubiriye kuboneka cane, inyuma yaho. Batakarije uturere twinshi bagenzura.


Callixte Carpe NDIKUMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.