Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Général Mohamed Roble Jimale yishwe hamwe n’abamucungera
Somaliya : Général Mohamed Roble Jimale yishwe hamwe n’abamucungera
lundi 19 Nyakanga 2016, par
Général Mohamed Roble Jimale, umusirikare mukuru mu gisirikare ca Somaliya yishwe kuri uwu w’Imana, ahitanwe na bombe zari zitezwe mu modoka ku murwa mukuru Mogadishu wa Somaliya.
Abategetsi ba Somaliya babwiye Ijwi ry’Amerika ko Général Mohamed Roble Jimale yapfanye n’abandi basirikare batandatu bamucungerera ubuzima.
Bose bishwe igihe imodoka barimwo zagongwa n’iyindi modoka yari itezwemwo amabombe, hafi y’urwinjiriro rw’ibiro bikuru vya gisirikare, i Mogadishu.
Général Mohamed Roble Jimale yari arongoye Bataillon ya gatatu mu gisirikare ca Somaliya kandi niwe yari arongoye intambara Somaliya iriko irarwana n’umuhari w’iterabwoba wa Al-Shabab.
Al-Shabab yemanze ko ariyo yakoze ico gitero. Uwo muhari w’iterabwoba warirukanwe n’abasirikare b’ubumwe bwa Afirika mu mwaka w’2011, ariko uracari intambamyi muri Somaliya, aho wama wakoze ibitero bigamije gukura Reta ishigikiwe n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi.
IGIHE
Messages
19 Nyakanga 2016, 13:15, par Emile
Ariko Mana Abanyafrika Bamez Bat!Imana Idufashe
19 Nyakanga 2016, 19:36, par KARONKANO
UBWO BUZIMA BUTAKAYE GTE KANDI BARI BABUCUNZE!UWIZERA UMWANA W’UMUNTU N’IGIPFU.UBUZIMA BABUCUNGISHA IMANA YO IBUTANGA.
19 Nyakanga 2016, 20:23, par HABUMUREMYI PROSPER
somali nibihangane ababikora bose bazohigura nimana mushobora vyose kuk itegeko ryimana ribuza kwica ntiryahinduwe!
19 Nyakanga 2016, 21:16
Twagirayezu Jean Marie
19 Nyakanga 2016, 21:18, par Twagirayezu Jean Marie
Numubabar Ntakund Nukwihangana Tubandany Dusenga Hazogera Igihe Bose Bahera Somalia Ikaronka Amahoro
21 Nyakanga 2016, 19:49, par RAJAB
BIRABABAJE BARIBAKWIYEKWICYA RAHAMWEBAKUMVIKANA NTAKUNDINIBIHANGANE
22 Nyakanga 2016, 10:53, par bukuru
ni mubanze mwisengere mwe barundi Kuko namwe ntimworohewe mumeze nk’abatagira iwabo,,,, ngaho bamwe muririrwa mubungera mu Rwanda n’ahandi mu mahanga ,,,, mwashyize imbere ubusinzi,: murara mu bubari hano mu rwanda na tanzania mutibagiwe Ubujura ,: nimwe mwabaye amabandi hano mugihugu cyacu Abandi mwigize indaya : muri kugenda munyanyagiza Sida mugihugu cyacu kubera ubusambanyi mukora burenze ubw’ isazi n’ibindi bibi mwirirwamo ,,, hhhhh abari mugihugu cy’uburundi namwe mumeze nkimbwa zirinze urugo ntimugisinzira ,,,,,, none ngo murasengera abandi ? Ni mwihereho