Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Somaliya : Umukuru w’igihugu mushasha afise ubwenegihugu bwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Umukuru w’igihugu mushasha afise ubwenegihugu bwa (...)

Somaliya : Umukuru w’igihugu mushasha afise ubwenegihugu bwa Amerika

jeudi 9 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Inama nshingamateka ya Somaliya yatoye kuri uwu wa gatatu umunya-Somalia afise ubwenegihugu bwa Reta zunze ubumwe za Amerika kuba umukuru w’igihugu mushasha, mu matora yabereye ku kibuga c’indege c’i Mogadishu, ikibanza conyene cizewe mu mutekano muri Somaliya.

Mohamed Abdullahi batazira "Farmajo" (bisigura Fromaje mu rurimi rw’igitariyano. Akazina yajawe kubera gukunda Fromage), w’imyaka 54, yabaye umushikiranganji wa mbere mu mwaka w’2010 gushika 2011, akaba muri ayo matora yo kuri uwu wa gatatu yatsinze Hassan Sheikh Mohamud yari asanzwe ariwe ari ku butegetsi, akaba yariko ahiganirwa kurongora Somaliya mu kiringo ca kane.

Amatora yabaye mu gihe umutekano wari wakomejwe ku kibuga c’indege co ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadishu, naho ibindi bice vy’igihugu vyarimwo umutekano muke.

JPEG - 35.9 ko
Mohamed Abdullahi batazira "Farmajo", umukuru w’igihugu mushasha wa Somaliya

Abahiganirwa ico kibanza c’umukuru w’igihugu bagera kuri 20, ariko bakaba bagiye bagabanuka gushika kuri babiri, mu gice ca nyuma.

Umukuru w’igihugu mushasha Mohamed yatahukanye amajwi 184, mu gihe Hassan Sheikh Mohamud yahora ku butegetsi yatahukanye ayagera kuri 97, akaba yaciye yemera ko atsinzwe.

Igihugu ca Somalia gisinzikajwe n’intureka hamwe n’indyane zifatiye ku moko n’idini. Kuva mu mwaka w’1969, nta na rimwe ico gihugu kiratunganya amatora abaye mu ntwaro rusangi aho umunyagihugu wese yitorera ubwiwe umukuru w’igihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.