IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Station MOGAS yo mu Kigobe yatewe n’umuriro

Station MOGAS yo mu Kigobe yatewe n’umuriro

mercredi 14 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Uwo muriro watanguye nk’igihe c’isaha zibiri n’iminota 30 z’agatondo ko kuri uwu wa gatatu, ukaba watanguriye mu biro vy’umuyobozi wiyo Sitasiyo. N’aho igiporisi kijejwe gukinga impanuka canyarutse kuzimya, ibintu vyari muri ivyo biro vyahiye biratokombora, nk’uko twashoboye kuvyibonera tuhashitse.

Amakuru ava ku begereye aho iryo sanganya ryabereye avuga ko uwo muriro woba wavuye ku muyagankuba.

Mu bintu vyononekaye muri iyo mpanuka y’umuriro, harimwo imashine nyabwonko yakoreshwa muri ivyo biro, hamwe n’impapuro z’akazi.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.