Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudan y’Epfo: Umukuru w’igihugu asabwa kurekura abapfungiwe ivya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudan y’Epfo: Umukuru w’igihugu asabwa kurekura abapfungiwe ivya (...)

Sudan y’Epfo: Umukuru w’igihugu asabwa kurekura abapfungiwe ivya politike

mercredi 15 Ntwarante 2017

Leonzio Angole Onek arongoye igisata c’ubumenyi mu bijanye n’amahinguriro muri kaminuza iri ku murwa mukuru w’igihugu ca Sudani yo mu Bumanuko Juba asaba umukuru w’igihugu ca Sudani yo mu Bumanuko Salva Kiir kurekura abapfungiwe ivya politike.

Leonzio Angole Onek yamenyesheje ko abantu barenga 30 aribo bagipfunzwe, kandi umukuru w’igihugu Slava Kiir yari yariyemeje kurekura abapfunzwe kubera imvo za politike.

Mu kwezi kwa Kigarama,umwaka uheze wa 2016, ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze gukingira agateka ka zina muntu Amnesty International ryashize ahabona amazina y’abantu 32 bapfunzwe kubera imvo za politike.

Leonzio Angole Onek avuga ko gushira mu ngiro ingingo yo gupfungura abapfunzwe kubera imvo za politike, vyoba vyubahirije amasezerano y’amahoro yateweko igikumu mu kwezi kw’umunani mu mwaka wa 2015.

Kuva mu kwezi kwa Kigarama,umwaka wa 2013,abatavugarumwe na Reta ya Sudani yo mu Bumanuko bariko bagerageza gukura ku butegetsi umukuru w’igihugu Salva Kiir bamwagiriza ko yashize mu butegetsi abava mu bwoko bw’aba Dinka asanzwe avamwo.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.