Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudani y’Epfo : Salva Kiir aragiriza Sudani ya ruguru gukwiragiza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani y’Epfo : Salva Kiir aragiriza Sudani ya ruguru gukwiragiza (...)

Sudani y’Epfo : Salva Kiir aragiriza Sudani ya ruguru gukwiragiza ibigwanisho i Juba

vendredi 3 novembre 2017

Mu gihe urwo rugendo rwa Salva Kiir rwari rwitezemwo ihumure hagati y’ivyo bihugu, ivyashikirijwe na Salva Kiir mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, vyatumye haba amakenga ku migenderanire y’ivyo bihugu .

Salva Akiir, yicaranye na mugenziwe Omar El Béchir, yavuze ati.« Reta ya Khartoum niyo itanga ibigwanisho mu gihugu ca Sudani y’epfo kugira twame mu ndyane zidahera » .

Umuhinga w’ivyo bihugu Jérôme Tubiana, amenyesha ko Salva Kiir yoba yafashe ingingo yo kwifatira mu gahanga Omar El Béshir mu ntumbero yo kurondera ubucuti mu makungu.
Reta Zunze Ubumwe za America zatezuriye Khartoum ku bihano vyari bimaze igihe kitari gito,ivyatumye Sudani y’epfo itakaza inguvu ku gihugu ca America.

Urwo rugendo rubaye urugendo rwa 3 kuva igihugu ca Sudani y’Epfo cikukira mu mwaka wa 2011.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.