Home > Amakuru > Muri Afrika > Sudani y’epfo:Umukuru w’igihugu Salva Kiir yongewe ikiringo co (...)
Sudani y’epfo:Umukuru w’igihugu Salva Kiir yongewe ikiringo co gutwara
Saturday 14 July 2018, by
Amakuru dukesha iradiyo BBC avuga ko ico gikorwa co kongera ikiringo uyo mukuru w’igihugu bishora gutuma ibiganiro vy’amahoro bimaze imisi bikorwa kugira intamabara ihere bishobora kunigirwa mu menshi.
Abatavugarumwe n’umukuru w’igihugu Salva Kiir bamwagiriza ko atwaza umukazo mu kutaha agaciro abanyagihugu ariko we kubwiwe arahakana ivyo yagirizwa.
Intambara yo gucanamwo hagati y’abanyagihugu ba Sudani y’Epfo yatanguye mu mwaka wa 2013 bitumwe no kutumvikana hagati ya Salva Kiir hamwe n’uwari icegera ciwe w’ico gihe Heriech Machar yashaka kuzamusubirira mu kibanza c’umukuru w’igihugu.
Salva Kiir yatanguye gutwara Sudani y’epfo kuva mu mwaka wa 2011 ico gihugu kironse intahe yo kwikukira,amatora y’umukuru w’igihugu akaba amaze gusiba kuva mu mwaka wa 2015.
Bikorimana Vianney
Forum posts
14 July 2018, 21:14, by bizoza nicolas
c